Site icon LE JOURNAL.AFRICA

« Ngiye guca umukozi » : nta wugishigikira incuti n’abagenzi ?

Aho hambere hahise, kumariranira imanza vyagaragaza urukundo, umuvukano n’umubano mwiza. Ariko ubu biriko birahindura ishusho. Inyifato zitari nke zigaragaza ko bisigaye ari nk’umuzigo umuntu atura canke ideni yishura.

Uno musi umuntu aronse ubutumire bumubwira urubanza rwa kanaka, aho kunezerwa (mu gihe urubanza runezereje) atangura guharura uburyo bizomutwara, nayo rwa rukundo, wa mutima wo gufashanya, mburira !

Ubu Umurundi agiye mu rubanza rw’umugenzi canke rw’umuryango, aba afise ibindi bintu agamije birengeye bwa bumwe na wa muvukano ba sokuru baturaze.

Babone ko naje …

Ejo bundi  twari twagiye gushigikira umugenzi yabuze umuntu. Turi mw’isengero,  aha imisa iriko irasozerwa numva mugenzanje anyongorera ati: « Haguruka n’ingoga twegere harya baca basohotse, tubaramutse, ntibaze bavuge ngo ntitwaje! »

Yakampaye isuka wa mugenzi ! Naramwumviye, ndahaguruka, tuja guhagarara aho ambwiye. Imisa irangiye barasohoka, natwe turikazanura neza.  Ababuze badushikiriye turabaramutsa, tubabwira tuti « mwigumye » ; nk’uko bimenyerewe. Wa mugenzi wanje avaho anezerewe cane kuko bari bamubonye.

… nce umukozi.

Uno musi inkumi canke umusore abonye ariko aregereza imyaka yo gushinga urugo, atangura kuja aribonekesha mu manza z’urunganwe, agaterera imbere y’abandi. Bishitse bakamutumira ngo aje mu mugwi utunganya urubanza, arabanguka, kuko aba agira ati : « Ngiye guca umukozi » ; ni je maze kumva ako jenyene ?

Hari umugenzi wanje nama mbona imisi nka yose ya gatandatu ari mu mugwi utunganya urubanza kwa naka canke kwa naka ; nkibaza nti ni umutima mwiza. Umusi tubiganirako yambwiye ati : « Burya, barya bose nafashije, ni hagera ko ngira urubanza nanje, nzobikorako bose kandi bazoza kuko nabagiriye. » Urumva ako !

Intonde z’abaterereye

Imanza tujamwo zaba iz’umubabaro canke z’umunezero, abaterera bose babashira ku rutonde, ndetse bagashira n’imbere y’izina ry’umwe wese ico yatanze. Izo ntonde ziba ari iz’iki? Kumenya icatanzwe mu giseke gusa? Ihibambe we!

Mu misi iheze nagiye kuramutsa umubanyi yaheruka kugira ubugeni nsanga ariko arandika urutonde rw’abaraye bamuterereye. Ndamubajije ico azokoza urwo rutonde, ati: “ Uru rutonde ndarubika neza mu kabati, kugira nze name menya ayo umwe wese yaduterereye. Uwuzontumira wese nzobanza gukubitiza akajisho kuri uru rutonde kugira menye ayo nshira mw’ibahasha.”

Kubera iki umuha nk’ayo yaguhaye kandi mutanganya amikoro? Mbe hoho ko mutaba mugize imanza mu gihe kimwe, ibihumbi cumi vy’uno mwaka ko bitaba binganya agaciro n’ivy’umwaka uza, ubwo si ukwihenda?

Abarundi turakwiye guhindura ingendo, tukamenya ko kumarira urubanza umuntu ari ukumushigikira uko dushoboye kwose. Burya n’aho ubukene bwatwinjiranye, igihambaye si kirya kiri mw’ibahasha, igikuru ni umutima wagitanze.

 

Quitter la version mobile