Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Mwari muzi ko kera abavyeyi bataherekeza abakobwa babo kurongorwa ?

Aho hambere hahise carazira kikaziririzwa ko abavyeyi baherekeza abakobwa babo kwabirwa. Mu nyuma vyahavuye bihinduka, na cane cane mu gisagara. None vyoba ari bibi canke ni vyiza ? Vyahindutse gute ? Twaregereye inararibonye.

Mu mayagwa y’ikirundi, hariho igitutsi kivuga kiti : « Urakagira uko ubukene bugize, uherekeze umukobwa wawe kurongorwa !» Aho bica vyumvikana ko kubikora waba umenje. Ubu hoho, abavyeyi baraherekeza abakobwa babo bakavuga n’ijambo ku mugaragaro.

Padiri Ntabona amenyesha ko vyagiye birahinduka abona. Ati : « Mu mwaka w’1974 bishira 1975, ni ho nabona umushingantahe ntarinze kuvuga izina w’aha mu gisagara, aherekeje umukobwa wiwe. Kandi mbere ni je namuhanuye ko yomwijanira. Naramweretse ko ata kibi kirimwo. Aho rero yari ansavye ko nohamubera nkamuvugira ijambo. Ico gihe nigisha kw’Iseminari nkuru. Yaranyumviye arabigira kandi vyari bihimbaye. »

Muti none ubwa mbere vyaturuka kuki ?

« Kera umugeni bamujana mw’ijoro. Musaza w’umukobwa ni we yavuga ijambo, akarishikiriza se w’umuhungu. Abamujana baba ari abakiri bato gusa, bakarara baravyina. Haba imigirwa myinshi gushika mu gatondo », nk’uko bishikirizwa n’iyo nararibonye, Padiri Diriyano Ntabona.

Mu kumwunganira, umuhumure Pontien Ntungumburane* wo ngaha mu gisagara ca Bujumbura, yavuze ko bitahuritse cane kubona kera ata waherekeza umukobwa wiwe. Ati: « Aho hambere, umukobwa yarinda aja kubaka urwiwe atarigera akora imibonano mpuzabitsina na rimwe. Ku musi w’ubugeni rero, hari imigirwa myinshi yaba, ari na co catuma ata muvyeyi aherekeza umukobwa wiwe. »

Uwo mutama arabandanya ati: « Nk’akarorero, umuhungu yaranyigitana n’umukobwa kugira amukure impuzu, yamara kuzimukura akazirenza umukingo, akaziterera bamwe bariko baravyina, hanze. Ico rero ngo cari ikimenyetso c’uko umusore anesheje umugeni. » Ngo none rero nta muvyeyi yoja kuraba aho umukobwa wiwe yurizwa uburiri, bigahera bamuteye agashambara umwana wiwe yari yambaye.

Abandanya abishimangira ati: « Ni na co gituma mbere umukobwa yajana ubugeni haciye imisi yaramenyereye urugo. N’ubu mu bisanzwe nta mukobwa atarajana ubugeni abonana n’umuvyeyi, kirazira. »

Ubu uwubishatse aramuherekeza

Padiri Ntabona avuga ko ubu ibintu vyahindutse, umugeni bamujana ku murango, umuvyeyi agashikiriza ijambo, mu gihe kera yamutanga ku musi wo gukwa gusa.   

None rero ngo umuntu wese yoherekeza umwana wiwe uko avyipfuza, kuko uwo muziro ntugifashe na gato. Kanatsinda ngo hari vyinshi bitagikorwa mu migirwa y’aho hambere ijanye n’urwo rubanza. Ati : « Ivyo rero birasanzwe kuko uko ibihe bibisa ibindi, no mu mico hari ibihinduka, icazira kikaba igisanzwe. »  

*: izina ryahinduwe

 

Quitter la version mobile