Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Itorwa ry’uwuzoserukira Cndd-Fdd : hari zimwe mu nyifato ziteye amakenga

Umugambwe Cndd-Fdd waraye utoye uwuzowuserukira mu guhiganirwa intebe y’umukuru w’igihugu mu matora Abarundi bimirije. Iyo nkuru imaze kumenyekana, hari inyifato n’imvugo zakurikiye. Umwanditsi Déo Ndayishimiye akazifatirako mu kuvuga ati : « Abarundi dukwiye guhinduka ».

Hari ejo bundi, umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi wari waramutse utora uwuzowuserukira mu matora yo mu mwaka w’2020. Mu masaha y’inyuma y’umuhingamo, niviriye mu gasabisho ku rusengero, numva bamwe mu bagenzi duhuriye muri karitiye aha mu gisagara ca Bujumbura bandamutsa ngo : « sangwa ubutegetsi ».

Ngize ndugurura imbuga ngurukanabumenyi, nsanga imwe mu nkuru zivugwa cane ni itorwa rya Varisito Ndayishimiye, « akomoka mu ntara ya Gitega », ngo abe ari we azoserukira uwo mugambwe mu matora y’umukuru w’igihugu. Niko gutangara nti kumbe ! Za ndamutso nshasha zose kwari kubera nanje nkomoka muri iyo ntara ?

Kuva ubwo, naciye ntangura kwiyumvira ku nyifato zitandukanye Abarundi batari bake bagize, inyuma y’iryo torwa. Zimwe muri zo ziragaragaza ko Abarundi  turwaye ; kandi, hamwe ibintu vyokwama uko, biraheza bikagira ingaruka mbi kw’iterambere ryacu. Reka turabire hamwe zibiri gusa.

Ukunezerwa ngo « dusangiye amamuko n’umutware »

Ubu, ni benshi bandamutsa ngo « sangwa intwaro » ; nk’uko womenga ni je naraye ntowe. Vyanteye kwibuka icigwa nize mu ruganda ruraho, mu mwaka w’2018 ; twari turamutse turabira hamwe imvo n’inkurikizi z’imvugo n’inyifato zikumira abandi ; zigaragaramwo urwanko (« attitudes et discours de haine » mu Gifaransa). Kimwe mu vyo umusangizakiyago w’uwo musi yatwuguruyeko amaso, ni uko kwiyumvamwo ubukomezi ngo ni uko umuntu avuka hamwe na  nyakubahwa kanaka ; ni indwara. 

Kukaba nkako, ubu rero karashize ingani, ko uwo agitwara aturuka mu ntara ya Ngozi, akaba agiye gusubirirwa vuba, tuzoce tubona nk’aho umenga agaciro Umunyengozi yahora afise kagabanutse ? Hanyuma duce tubona ko abaturuka mu ntara imwe n’uwuzoba yatsinze amatora bahiriwe gusumba abandi Barundi ? Nka hamwe n’abo bahiganwa boba bavyiyumvamwo uko, ntibabone Abarundi bose nk’umuntu umwe, yoba ari ingorane ikomeye cane. Ni umushinge wa ka gatima k’ivangura rifatiye ku mamuko. Biragahera !

Kuki hari abagize imyiyerekano ? 

Ikindi kibazo mfise ni iki : irya myiyerekano yakurikiye itorwa rya Varisito Ndayishimiye isigura iki ? Hamwe kwoba ari ukugaragaza umunezero ujanye n’uko umugambwe wa bene kwiyerekana waronse uwuzowuserukira, vyoba ari amarame. Ariko, nka hamwe hoba harimwo iciyumviro c’ukubona uwo azohiganwa nk’uwamaze gutsinda amatora, no ngaho nyene, Abarundi twoba tukirwaye. 

Muti gute ? Ihiganwa ritaraba, abantu bagaca batangura kwigina intsinzi ; ivyo bifise insiguro ikomeye. Kuko na none, hamwe hotsinda uwundi Murundi, ubona ko tumaze kumenya ko abazohiganwa barenga umwe, abo boba baza bamaze kwigina intsinzi imbere y’ihiganwa ntibokwemera ivyavuye mu matora. Kandi noneho, sinkekeranya ko ivyo biheza bikagira ico bibwiye n’abariko baratunganya ayo matora ; hamwe batohagarara gishingantahe. 

Ni ukuri ni ukuri ndababwire, Abarundi turakwiye guhinduka mu vyiyumviro no mu ngendo abatari bake bagira ku bijanye na poritike. Ku bwanje, hari umugera mubi watwinjiye, nowita uwa « ganza sabwa » ; aho twumva umenga umutware ni uwo gutegwa ibiganza. Aho nyene, ivyo biri uko mu gihe tutaranamenya n’imigambi bene kumenyekana ko bazokwitoza bafise.

 

Quitter la version mobile