Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Imvugo 10 zazanywe n’intureka zo mu mwaka w’2015

Amagume yose aba afise ibiyatuma, abo aturutseko n’ivyo atera, eka mbere n’imvugo bwite bijana. Amajambo mashasha aravuka, ayahahora akagira izindi nsiguro. Kuyaha insiguro y’ukuri biba bigoye, iyo utari mwene kuyatora. Ariko, uwogerageza gusorongora amwe amwe duhora twumva, kugira vyoroshe kuyatahura, ntivyoba bibi.

Amajambo menshi yagumye mu mitima, mu mishaha no mu mvugo za misi yose, yakoreshejwe n’umugambwe CNDD-FDD; bashigikira ikiringo ca gatatu ca Perezida Petero Nkurunziza, ciyamirizwa n’igice kinini c’imigambwe itavuga rumwe na Reta n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike.

Co kimwe no mu zindi ntambara, amateka y’uwatsinze ni yo yandikwa. Ayo majambo yaje ahangana n’imyiyerekano y’abiyamiriza ikiringo ca gatatu mu 2015, mu ntumbero yo kugaragaza ubukomezi bw’umugambwe uri ku butegetsi. 

Ariko, hari n’izindi mvugo zagiye ziravuka zizanywe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Gitega; ni uko, zitangura gukoreshwa. Twazibatororokanirije.

« Caratuvunye ntituzokirekura » : ayo majambo yatanguranye n’intureka zo mu 2015. Ubutumwa burimwo ni ingereranyo ibwira abantu bibaza ko umugambwe CNDD-FDD uzotanga ubutegetsi vyoroshe. Uno musi, ayo majambo akoreshwa mu ntumbero yo kugumya ubutegetsi no kubwigungirako. Ibintu bikaza kurangira ari uko abatavuga rumwe na Reta nabo bishuye amajambo ngo « Carabavunikiyemwo»; imvugo y’agahemo isugura ngo « mwariye inkware y’ubutegetsi, ariko muzoyiruka amoya ». 

Muri CNDD-FDD, inkona, ikimenyetso c’uwo mugambwe, umwami w’ibicu nk’intare mw’ishamba, iguma ari intashikirwa, intakomwakomwa. Mu kwirinda uburake bwayo, icari cayo bagica kure; ari naho haguma hagaruka umwibutsa ngo « Inkona ntiyaruzwa ». 

Kuvyonga : ni icitiranwa co gusotora, gusomborotsa, kubuza amahoro; n’aho hari itandukaniro ritoya. Iryo jambo rikora kuri abo bose batavuga rumwe n’ubutegetsi buhari, harimwo n’abari mu mugabwe uri ku butegetsi, bashobora gukora ibita mu mutego ubutegetsi. Abasotoye baca bitwa abavyonzi, iyo banse kwumva akamo ko gusubira ku murongo bakitwa ibipinga, injavyi. Biba ngombwa rero ko bakosorwa; ivyiswe gupingura ibipinga no guhongora injavyi. 

Sindumuja : ryavuye ku nkuka y’imisa Musenyeri Simoni Ntamwana yari arongoye, rica riramamara kuva muri ntwarante 2015. Rikoreshwa mu  kuvuga abantu bose biyamirije ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu.

Kirapanze – Gupanga akarere : n’aho ayo majambo abiri yose yatanguye gukoreshwa n’abanywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi, uno musi yarinjiye mu mvugo y’abarundi nka bose, mu biyago vya misi yose.  Akoreshwa mu rudandazwa, mu masezerano atandukanye, n’ahandi. Muri politike, « kirapanze » bivugwa iyo ibintu bitunganije neza ku buryo ibikorwa vy’abavyonzi n’ibipinga biburizwamwo. Ariko kugira ivyo bishoboke, bisaba gupanga akarere.

Ndondeza : ni izina ry’isekeza ryatangujwe n’umurundi aharanira agateka ka zina muntu, mu ntumbero yo gutororokanya no gutohoza ku Barundi banyurujwe bakicwa, kuva muri uyo mwaka. Iryo jambo risigaye riri mu yakoreshwa buri musi, na canecane ku rubuga koraniro « Whatsapp », rigakoreshwa mu gusaba abantu (abagenzi) gutohoza kuri mugenzi wabo yazimiye. 

Mutama : iri zina ntirisigura inararibonye; rikoreshwa mu kuvuga umuntu w’icubahiro, ahambaye, umugabo abushite muri make.  None uwo avugwa yari nde koko? Iryo jambo riragoye gutahura. Rikoreshwa mu kuvuga umutegetsi wo hejuru mu gihugu. Rivuzwe, umuntu wese aca yumva Sebarundi. Iryo rikoreshwa n’abari mu mugabwe uri ku butegetsi eka mbere n’abandi benegihugu baba batubahuka kuvuga umukuru w’igihigu mw’izina. Hari n’uwundi mutegetsi ari mu mugambwe uri ku butegetsi yoba afise icubahiro kidasanzwe, ari naho havugwa Mutama wa mbere n’uwa kabiri.

 

Quitter la version mobile