Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Gusukura igisagara ca Bujumbura vyabaye akananirabahinga !

Haraciye imyaka ibiri, Reta y’Uburundi yarabogoje amashirahamwe ashika 20 mu gikorwa co kwegeranya umwavu mu gisagara ca Bujumbura. Ariko, bigaragara ko ata gishasha cahindutse. None ingorane iri he ? Umuti wo ni uwuhe ? Twaregereye ababikurikiranira hafi.

Inyuma y’imyaka ibiri, nta ntambwe ishimishije uwo mugambi uratera. Ukubitiye mu makaritiye amwe amwe yo mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura nka Kinama, Kamenge n’ahandi, uzosanga mu miserege be no ku marembo y’imihana, umwanda wandagaye ukuri kwamye.

Umuyobozi mukuru mw’ishirahamwe SETEMU, Mpawenimana Jean Paul, ishirahamwe ryatanguje umugambi wo gusukura igisagara, amenyesha ko iryo shirahamwe ryatanze imihoho  ku mvo z’ubukene ; ati: «Imiduga dufise irashaje ; ni iyo kuva mu mwaka w’ 1989 aho ishirahamwe SETEMU ryavuka. Vyongeye, ni na mike, ntiyokwira igisagara cose.»

Kubw’uyo muyobozi nyene, amashirahamwe yagiye arakurikira, nayo nyene ntiyorohewe muri ico gikorwa.  Intambamyi yambere yashikiye ayo mashirahamwe, ngo ni ikena ry’ikibanza cagutse co gutamwo umwavu, mu gihe ikibanza co mu Buterere cahora gisukwamwo iyarara rikurwa hirya no hino mu gisagara cuzuye. Izindi ntambamyi nazo zikaba ari izi: « Uretse ubukene bw’imiduga, amashirahamwe menshi yari yahawe amasoko muri uyo mugambi yarabuze umutahe ukwiye wo kugira ngo aronke ibikoresho. Ariko kandi, ubukene bw’abanyagihigu, butuma bariha nabi nabi, buri mu vyatumye ico gikorwa kidatera imbere. »

Uno musi, ishirahamwe « Bujumbura Cleaning Company (BUCCO) », ni ryo ryari rikiri ku kivi, ariko naryo nyene ibikorwa vyaryo bisa n’ivyahagaze. Uko biri kwose, kuba amashirahamwe ajejwe ico gikorwa ariko arananirwa, vyerekana ko hari agahaze muri uwo mugambi.

Twese biraturaba

Uguheranira ayo mashirahamwe ni ubugaba bukwiye guhebwa ku neza y’uwo mugambi be no ku neza yabo”; ivyo bishikirizwa na Nibizi Epimery, umuyobozi w’igisata c’ibidukikije n’ihindagurika ry’ibirere, mw’ishirahamwe “OBPE (Office Burundais pour la Protection de l’Environnement)”.

Uwo muhinga mu bidukikije ahamagarira abanyagisagara kworohereza akazi ayo mashirahamwe mukuriha ku gihe ayo mafaranga atozwa ku kwezi.

Ku bijanye n’ikibanza co mu Buterere kimaze kwuzura, Nibizi Epimery amenyesha ko mu mwaka w’2014, Reta yari yaramaze kwiga umugambi ujanye no guhingura ifumbire mu mwavu; uwo mugambi wari kurangurirwa ku Muzinda, mu ntara ya Bubanza. Ariko, bikaba vyarahagaze ku mvo zitazwi.

Ati: « Naho biri uko, ihingurwa ry’iryo yarara ni yo nzira irashe yotorera umuti urama ikibazo c’isuku rike rirangwa mu bibanza bitari bike vyo mu gisagara ca Bujumbura

 

Quitter la version mobile