Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Bujumbura : vyinshi mutari muzi kuri kahise k’ ico gisagara

Ico gisagara giherutse kuba umugwamukuru w’ivy’ubutunzi, catanguye kuba umugwamukuru wa Rwanda-Urundi, mu nyuma kiba umugwamukuru wa politike w’Uburundi. Abarundi benshi, harimwo n’abakibamwo, ntibazi uko igisagara ca Bujumbura cagiye kiraguka. Tugaruke kw’ivuka ry’amakaritiye akigize kuva 1897.

Abadagi nta mugambi w’uko Bujumbura kiba igisagara bari bafise, ikitavuzwe co ni ukukigira umugwamukuru w’Uburundi. N’ikimenyamenya, igisagara ca Gitega ni co cahavuye kiba umugwamukuru w’igihugu mu 1912.

Igihe bacumbika mu Kajaga mu 1896, mu nyuma bakaza i Bujumbura, wari umukenyuro. Vyandikwa na Sylvestre Ndayirukiye, umwigisha muri Kaminuza y’Uburundi, mu gitabu casohotse mu 2002 canditswe n’umugwi w’abantu 24 barimwo abigisha bo muri Kaminuza igihe hahimbazwa imyaka ijana igisagara ca Bujumbura kimaze mu 1997.

Kwiganzira akarere

Abadagi bashaka kwigenzurira ivy’uruja n’uruza mu kiyaga Tanganyika. Bigatumwa n’uko hari hegereye ico kiyaga. Ku ntwaro y’abadagi (1896-1916), nta karitiye n’imwe yo kubamwo yigeze yubakwa. Igisagara ca Bujumbura cagera mu Kajaga no mu gace gatoya kabamwo canecane Abanyaburaya n’Abarabu.

Umuhinga mu vy’ubutunzi Prime Nyamoya yita ico gisagara c’ico gihe “ikigwati gitekanye” mu butohozi yanditse ku “ biraba igisagara c’akarere mu bihugu vy’ibiyaga binini » bwasohotse muri ca gitabu twavuga. Igisagara ca Bujumbura cateye imbere biboneka ku ntwaro y’Ababiligi.

« Igihe Ububiligi buhawe gutwara uburundi vy’imfatakibanza, inyuma y’intambara ya mbere y’isi yose, Usumbura, umugwamukuru wa Rwanda-Urundi, haratejwe imbere cane harubakwa inyubakwa rusangi z’iterambere n’imibano mu mugambi w’imyaka cumi kuva 1950-1959 », ni ko Nyamoya avyandika mu ntangamarara y’ubutohozi bwiwe.

Ukwaguka kw’ico gisagara : 1916-1962

Ababiligi batsinze Abadagi mu 1916, ishirahamwe mpuzamakungu (SDN) ryeguriye Ububiligi Rwanda-Urundi. Umugwamukuru w’Uburundi (Urundi) wagumye ari Gitega, ariko Usumbura, bitewe n’uko ari igisagara cegereye ikiyaga, gitorwa kuba  umugwamukuru wa Rwanda-Urundi.

Umwami yaganza Uburundi ari i Gitega, umukondo w’igihugu, nawe umuzungu agatwara Rwanda-Urundi ari Usumbura. Kubera ubutegetsi bwari muri ico gisagara, birumvikana ko ico gisagara caca kiba gihanzwe amaso n’isi yose. Ni ko igisagara ca Bujumbura caciye gitera imbere cane ugereranije n’ibindi bisagara na canecane Gitega bisa n’ivyavukiye rimwe.

Ibibanza vyo kwubakamwo vyaratanzwe, amakaritiye atandukanye aravuka. Aho twovuga nka karitiye yitwa asiatique, Rohero ya mbere, Buyenzi, Belge (Bwiza y’ubu), Industriel, Zeimet, Kamenge, Ngagara, Kinama, Nyakabiga. Igisagara ca Bujumbura kandi caronse inyubakwa z’iterambere nk’ikibuga c’indege ca kijambere n’ikivuko.

Ikigwati gituje cacitse igisagara gikomeye

Inyuma y’ukwikukira kw’Uburundi, ni ho igisagara ca Bujumbura caronka ikibanza gifise uno musi. Uburundi bwegereje kwikukira, igisagara ca Bujumbura ni co cari giteye imbere cane gifise inyubakwa za kijambere.

Indongozi nshasha zarabibonye. Ni ko gufata ingingo y’uko Uburundi buronse intahe y’ukwikukira, umugwamukuru uzoca wimurirwa i Bujumbura bidatevye.

Igihe umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru c’abafaransa AFP abajije umuganwa Rudoviko Rwagasore ko Reta yoba izokorera i Gitega, yamwishuye adakekeranya ati :

« Oya. Umugwamukuru ni Usumbura kandi Reta hamwe n’inama nshingamateka bizoca bimanuka vuba. », vyandikwa n’umufaransakazi Christine Deslaurier, umuhinga mu vy’akahise mu gitabu « Paroles et écrits du Prince Louis Rwagasore » ku rupapuro rw’211.  

Abategetsi bose  baje kuba i Bujumbura vyatumye ico gisagara kugumana icubahiro n’agateka. Abategetsi bashasha (abazungu bashasha) bashikiye mu biro n’izindi nzu zahora zibamwo abazungu bongera bubaka n’izindi muri ico gisagara nyene.

Amakaritiye mashasha

Amakaritiye menshi yubatswe kugeza mu 1995. Rohero II, Musaga, Kabondo, Mutanga, Mutakura, Buterere, Kinindo, Jabe, Kinanira, Karitiye yitwa Asiatique, Gikungu, Kanyosha, Gasenyi, Kibenga, n’izindi. Ariko Cibitoke yoyo yabayeho mu 1965 yubakiwe abantu bari bahungishijwe amazi y’ikiyaga yaguma aduga.

Amakaritiye mashasha yasubiye kuvuka hagati y’umwaka w’1997 n’2000, Kinanira III, Kigobe, n’ahandi. Mu nyuma, havutse amakaritiye Gasekebuye, Sororezo n’iziherutse kuvuka vuba cane nka Nyabugete n’izindi.

Kwubaka igisagara ca Bujumbura nk’uko tukibona ubu vyafashe umwanya muremure. Ariko, iyubakwa ryaco na canecane itangwa ry’ibibanza vyo kwubakamwo bishobora kuba bitaraba impanuka zishobora gushikira ico gisagara zitumwe n’aho igisagara cubatse n’inzuzi zigicamwo.

Muri kazoza, abajejwe gutanga ibibanza mu gisagara bategerezwa kwigwa neza  bakaraba ico ihindagurika ry’ibihe rigira ku bibanza batanga ngo vyubakwemwo. Igisagara ca Bujumbura kirabangamiwe cane kuko kiri mu kiyaya.

Igihe amakaritiye atandukanye yabaho

Izina ry’Ikaritiye Umwaka  yavuka
K. Asiatique 1930
Rohero I 1937
Buyenzi na Belge (Bwiza y’ubu) 1941
K. industriel, Zeimet, 1950
Kamenge na Ngagara 1952
Kinama 1957
Nyakabiga 1958
Rohero II, Cibitoke na Musaga 1965
Kabondo 1968
Mutanga sud, Mutakura na Ngagara (Karitiye ya 6) 1977
Buterere 1978
Kinindo 1980
Jabe 1981
K. industriel II 1986
Gikungu na Kanyosha 1990
Gihosha na Gasenyi 1993
Kibenga 1995
Quitter la version mobile