Site icon LE JOURNAL.AFRICA

« Kwa Ndadaye » : ivyo mutari muzi kuri iyo nyubakwa

Iyo nyubakwa ifise kahise kadasanzwe, mugabo imaze imyaka irenga mirongo ibiri ari umusaka, hagati na hagati mu gisagara ca Bujumbura. Iyo ni yo yabayemwo umutware mukuru wa Rwanda-Urundi, mu nyuma iba ikirimba c’umwami, ikirimba c’umukuru w’igihugu, ingoro y’igihugu yakira abashitsi b’iteka bagendeye Repubulika y’Uburundi, n’ibindi.

Umanukanye ibarabara ryitiriwe uwa mbere Munyonyo mu gisagara ca Bujumbura, urenganye ikibanza gishinguwemwo incungu ya demokarasi, hari urupangu rurimwo ibiro bikuru vy’igipolisi kidasanzwe kirwanya imigumuko.

Abantu bose baba muri ico gisagara gisigaye ari umugwa mukuru w’ivy’ubutunzi, eka mbere n’abandi Barundi bose batemberera i Bujumbura, bazi ko ico kibanza citwa « Kwa Ndadaye ».

Si itongo ry’umuryango wa Ndadaye, umukuru w’igihugu c’Uburundi wa mbere yitorewe n’abanyagihugu, mu matora yo kuwa 1 Ruheshi 1993. Ahubwo, Nyenicubahiro Melchior Ndadaye ni we mukuru w’igihugu wa nyuma yabaye muri ico kirimba c’ « uwa mbere Munyonyo ».

Aho ni naho  yavuye mw’ijoro ry’uwa 20 rishira uwa 21 gitugutu agahungira mw’ikambi ya Muha ; ari na yo yari ijejwe umutekano w’umukuru w’igihugu, ico gihe.

Ico kirimba cari gitewe n’abatembagaje ubutegetsi. Imodokari ya gisirikare (burende) yamuhungishije n’umuryango wiwe yasohokanye umuryango usubiza kw’ihoteri Source du Nil, kuko irembo rikuru ritahita.

Aha mwomenya ko ico kirimba cari kimaze guterwa mw’ijoro ry’uwa 2 ushira uwa 3 mukakaro, ni ukuvuga imbere y’uko Umukuru w’igihugu Ndadaye arahira. Yari yamaze kuhimukira. Ibisikanya n’umukuru w’igihugu Petero Buyoya ryahavuye riba kuwa 10 Mukakaro.

Inkuru y’umukuru w’igihugu Mitterand

Igihe Koroneli Yohani Batista Bagaza afashe ubutegetsi, akomboye Micobero kuwa 1 Munyonyo mu 1976, ntiyagiye kuba ku kurimba c’umukuru w’igihugu c’uwa mbere Munyonyo. 

Yaciye aja kwibera mu nyubakwa y’uwo yari asubiriye Lieutenant General Michel Micombero, iri i Kiriri hafi y’ubuserukizi bw’Ubushinwa mu Burundi, aca ahagira ikirimba c’umukuru w’igihugu. Kiretse Perezida Ndadaye, abagiye bararongora Uburundi bose bagumye baba aho ku kirimba gishasha, ariko bahapanze.

Naco ikirimba c’uwa mbere Munyonyo, Perezida Bagaza yakigize ingoro y’igihugu yo kwakiriramwo abashitsi b’iteka. François Mitterand, umukuru w’igihugu c’Ubufaransa (1981-1995) yashikiye muri iyo nyubakwa muri kigarama 1984, igihe yari yaje mu nama rukokoma y’abakuru b’ibihugu vya Afurika n’Ubufaransa yariko ibera i Bujumbura.

Hari inkuru itwengeje ivugwa kuri uwo mutegetsi w’umufaransa, igihe yaba muri ico kirimba c’uwa mbere Munyonyo. Athanase Karayenga, yahoze ari umuhanuzi w’umukuru w’igihugu Bagaza avuga ko (ni inkuru yatewe n’umugenzi kuko ntiyavyiboneye) icamwa c’inazi yari iteye imbere y’ico kirimba cahatswe gutwara agatwe uwo mukuru w’igihugu c’Ubufaransa. Uwamuteye iyo nkuru, avuga ko cakorotse, habura gato ngo kimumene umutwe.

Kimwe mu bisigi vy’ubukoloni

Ikirimba c’uwa mbere munyonyo cubatswe mu myaka y’1950 cubakishijwe na Jean-Paul Harroy, umutware mukuru wa Rwanda-Urundi (1955-1962). Abivuga mu gitabu ciwe Burundi. 1955-1962. Souvenirs d’un combattant d’une guerre perdue casohotse mu 1987, aho asigura n’igituma yatoye kuyubaka mu gisagara hagati.

Uwo mutegetsi akaba n’umwigisha wa kaminuza w’umubiligi, yitavye Imana mu 1995, yari yipfuje kwubaka ico kirimba i Kiriri, ahasubiza kw’ishure ryisumbuye ryitiriwe Mutima mweranda, yari yubatswe mu 1952, ahari ikigo ca Kaminuza y’Uburundi c’i Kiriri uno musi. Yari yahashimye kuko hakirurutse, uhari ushobora kubona neza igisagara cose ; ndetse n’ikiyaga.

Ico ciyumviro yahavuye  agiheba kuko yabonye hoba ari kure y’igisagara ; na canecane amahoteri, ari yo yaberamwo imisi mikuru ihambaye, na rirya yakunda kuba mu masaha yitereye.  

Uburundi bumaze kwikukira, abami Mwambutsa IV na Ntare V bagiye barakuranwa kuhaba. Ababonye iyo nyubakwa ikiri ikirimba c’uwa mbere munyonyo baracayikugura. N’akabonge kenshi, Athanase Karayenga yahora aja mu birori vyabera kuri ico kirimba ari umumenyeshamakuru mu myaka y’1970 avuga ati : « Kuri Harroy na Mwambutsa, Micombero na Ntare, cari ikirimba ciza cane. Hariyo n’ikibanza gitungiwemwo ibikoko (Parc), gisukuye, kirimwo mbere n’ingeregere».

Gikwiye kuba ikibanza c’iratiro

N’aho iyo nyubakwa isigaye ari umusaka, hari vyinshi vyayiranze muri kahise bikwiye kuratwa. Abarundi ntavyo bazi, abanyamahanga bo nta n’aho bobikura. Abarongozi b’igihugu bari bakwiye kwiyumvira umugambi wo kugira aho « Kwa Ndadaye » ikibanza c’iratiro, canecane mu vyerekeye kahise ka politike.

Icambere, kwoba ari ugutera iteka ababaye muri ico kirimba, harimwo Melchior Ndadaye, umukuru w’igihugu wa mbere yitorewe n’abanyagihugu akaba n’incungu ya demokarasi, n’umwami Mwambutsa IV yaganje  Uburundi ikiringo kirenga igice c’ikinjana (1915-1966). Ica kabiri, ico kibanza c’iratiro cokwinjiza uburyo mu kigega ca Reta, igihe coba gitunganijwe neza.

 

Quitter la version mobile