Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Nta mwuga w’abagore gusa canke uwagenewe abagabo gusa ubaho

Kubera imiziro canke imigenzo y’aho hambere, abigeme n’abakenyezi basa n’abakumirwa mu myuga imwe imwe. Ariko mu ntara ya Rumonge ho, siko bikiri. Hari abakenyezi bijukiye umwuga wo kwegeka. Urabafasha mu bitari bike, nk’uko Bahati, umwe muri abo bavumbikazi abituyagira.

Kuva nkiri muto, nakuze mbona umwuga wo kwegeka ukorwa n’abagabo gusa. Ndibuka ko na sogokuru yari umuvumbi, ariko sinari bwabone abwira nyokuru ngo amuherekeze canke amutwaze ifumba, agiye guhakura. Iyo akeneye uwumufasha, yahamagara abandi bagabo. Jewe ubwanje sinigera nibaza ko nokora uwo mwuga. 

Igihe kimwe, amashirahamwe FAO, OXFAM, n’ayandi yaje iwacu, aduha inyigisho zo kwegeka ku buryo bwa kijambere. Niko kujijuka tukaja mu mashirahamwe dutangura kwegeka; ibiciye kubiri n’imiziro igenga uwo mwuga.

Intambara itoroshe

Ubu maze imyaka igera kuri ibiri ntanguye uwo mwuga. Tugitangura, abantu benshi baratangara, mbere ntibanatahure ingene umukenyezi yofata ifumba akaja guhakura, canke akikorera umuzinga agiye kwegeka. Wamenga ni ingata yambaye ishenyo. 

E mama bakavuga ngo umugore aravye mu gitiba inzuki zoca zigenda, ahandi naho ngo agiye kwegeka yaraye ku buriri ntizotaha igitiba ciwe. Ukwo kukaba ni ukutamenya. 

Yamara baratuvuga, bakatwinuba,… Twari dusigaye turi iciro ry’umugani. Abakenyezi dusangiye ishirahamwe nabo nyene batanguye babitinya cane, kuko wamenga ni umwuga w’abagabo gusa.  Ariko bukebuke, vyagiye birahera. Babona agafaranga gatanguye kuza, batangura kubikunda, mbere n’abandi bariyongera ku bwinshi.

Ku rundi ruhande, kare abavumbi bari bazwi nk’abantu bonona ibidukikije, kuko baja mu mashamba kwegeka, bagasanga barayaturiye canke bakayarigita ngo baronke aho begeka. Tweho twaciye dufata iyambere mu kuyakingira, kuko ayo mashamba ni yo atuma inzuki zironka aho zidaha ubuki zikora. Ivyo tubikora twisunze icivugo: “Ata biti nta mvura, ata mvura nta nzuki, ata nzuki nta buki, atabuki ntamahera, atamahera ntabuzima”.

Twaravyungukiyemwo

Uno musi, uwo mwuga uraduteje imbere cane. Iyo hageze iyimbura, canecane kuva mu kwezi kwa gatandatu gushika mu kwezi kw’icumi, haba hageze ko natwe twikura akuya. Turikenura, tugasuma ico dukeneye cose, ari agatungwa canke agahuzu, tukanarungika abana ku mashure ata ngorane. 

Nta muziro n’umwe wobuza umuntu kwiteza imbere. Ababikoresha babikora ku kutamenya, canke bagomba kubakumira nk’uko vyari kera. Abigeme canke abakenyezii baregeka kandi umwimbu ukaza ari mwiza cane. 

Abantu bose bagikumira abo badasangiye igitsina  mu mwuga kanaka, bishimikije imico ya kera canke ibindi, bakwiye kuvavanura n’iyo ngeso. Ni co kimwe n’abigeme n’abakenyezi bacikumira nyene, bakwiye nyabuna kujijuka, bakamenya gukamisha ubushobozi bafise. 

 

Quitter la version mobile