Site icon LE JOURNAL.AFRICA

« Umukoresha wanje ni we yatumye ndandaza umubiri »

Turakunze kubona abigeme canke abakenyezi bakora umwuga wo kudandaza umubiri. Uretse abiyumvira ku ngaruka mwe n’uwo mwuga ushobora kuzanira abawukora, ni bake biyumvira ku mvo zatumye abo bigeme baja muri ivyo bikorwa; kuko hari ababigiyemwo batabishaka. Hano, Nshimirimana Venansiya aratwiganira uko vyamugendeye.

Navuye mu ntara ya Karusi mu 2006. Nari nje gusaba akazi k’ukurera umwana. Nazanywe n’uwundi mukobwa tuvuka hamwe. Nshitse mu gisagara ca Gitega, naronse akazi ko gucuruza ibutike. Iyo ni yo ntango ya vyose.

Nagakoranye umwete n’ubwira bidasanzwe, kuko na none nari naje ndagashashaye. Sinigeze ngira uruhombo n’umusi wa rimwe. Igihe cose databuja na mabuja baje kurimbura, bama basanga hari inyungu ishimishije. Maze nabo baranererwa, baramfata neza. Nabayeho ico gihe cose numva ko mfise ivyizigiro vya kazoza keza, kugeza igihe databuja ampindurira uburyo dusanzwe dukorana.

2010: “utampaye…”

Inyuma y’imyaka ine, akabiri karayagayaga; nk’umunyagisagara nyene. Ngo ngire ntya, numva databuja atanguye kunsaba ko tworyamana; ntavyo nari bwigere ndamwumvana, kuva ntangura akazi. Numva isoni zirandenze, ndamuhakanira. Ariko ntiyagarukiriza aho.

Uko imisi yagenda, yakomeza kuza arabimbaza, yisubiriza. Vyakabaye kera, ahava arambwira ati: “Utampaye nzokwirukana!” Ivyo ntivyanca intege, nkomeza kumwankira. Nko mu kwezi kw’indwi, mu 2012, ni ho bigeze kurimbura, naho nyene basanga urudandazwa rwifashe neza. Ariko databuja ntiyahengeshanya kumbwira ati: “Sintahe ndagusanga ngaho!”

Imbanyi ata caha nakoze

Mabuja yarandemesheje, sinagenda. Bugorovye, databuja arataha; ashika antegeka gusohoka urupangu. Mabuja yarabajije ati: “Ko ata ruhombo twamusanganye, yirukaniwe iki?” Uri uwundi arihorera, ati: “Je gusa navuze ko amviraho!”  Hari nk’isaha zitanu z’ijoro.

Narubashe itegeko, ndasohoka, nja kw’ibarabara.Naragize ubwoba bwo kurara kuri iryo barabara jenyene, maze nsaba indaro ku babanyi. Nakiriwe n’umukozi wo mu nzu, ku mubanyi. Uwo na we yabaye agiheza kunyereka aho ndyama, ahengera mw’ijoro, ansimbirako, amfata ku nguvu.

Amagorwa ntasiga ayandi. Muri ivyo vyose, naragumije ibanga, ku gutinya kwambika ibara uwo mukoresha wanje, na mwanya batari bwo banampembe. Naratinye kandi gushira ahabona ivyo uwo mukozi mugenzanje yaraye ankoreye, kuko naratinya ingene ikibano kizoheza kikambona; na cane cane ko ari vyo nari nahunze kuri uwo mukoresha. Agahinda gahindira mu mutima.

Nta kundi!

Ntivyakunze ko nduga muhira iwacu, kuko amahera yanje sinari bwo ndayahembwe. Ariko kandi nazindutse gusaba imbabazi ku bakoresha banje, ngo bankundire mbandanye akazi. Haciye igihe kiri hagati y’ukwezi n’amezi abiri, ni ho namenye ko bwa bundi nagiriyemwo nsama imbanyi ntifuza. Narabuze ayo ncira n’ayo mira; sindi bugume ngaho ku kazi, sindi buyijane i Karusi iwacu, ndabura ayo ncira n’ayo mira.

Nahavuye mfata ingingo yo kwipangira inzu. Igihe kigeze, naravyaye, ariko umwe nyene kuntera imbanyi yaranyihakanye. Ubuzima bwarangoye cane, biba ngombwa ko ngendana n’abagabo benshi, uwumpaye ico ndya nkaba ari we nakira. Nta mugabo mfise, ariko mfise abana 3 badasangiye ba se. Hamwe nahoze nkora, baracamperaniye imishahara y’amezi atandatu.

 

Quitter la version mobile