Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Amazu y’ugutomboza : « N’abayakoramwo ntitworohewe »

Hari abamaze igihe bidogera amazu y’ugutomboza, aho berekana ingene ayo mazu aza amaze guca wahiba bamwe mu rwaruka rw’Uburundi. Amaganya si ayo gusa. Na twebwe abakozi dukorayo, hari ibibazo dufise bitararonka inyishu. Nkaba nahisemwo kubayagira ibijanye n’imyaka hafi ibiri maze nkorerayo.

Mu Burundi, uhejeje amashure, kuronka akazi ntivyihuta. Jeho novuga ko nagize amahirwe, kuko napfuye kurangiza, nca ndonka akazi muri rimwe muri ya mashirahamwe y’ugutomboza biciye ku nkino z’umupira w’amaguru. Haheze imisi mike bahamagaje abakozi bashasha, nanje ndatanga impapuro zemeza ko nahejeje amashure. Turakora ikibazo, ndagitora mbona gutangura akazi, nkagira nti : ubuzima bugiye kworosha.

Akazi twahawe katanguriye mu kutumenyereza. Bidatevye, agashahara ko kwimenyereza kaba karabonetse. Amafaranga ibihumbi ijana. Nkibaza ko, twe n’abo twinjiriye rimwe, tuzokwongerwa menshi nitwaronka amasezerano y’akazi.  Umusi urenga uyundi urenguka,  turarindira ya masezerano y’akazi, amaso ahera mu nzira. Ico gihe cose, akazi karabandanya ukuri kwamye. Ico bikoze, bukeye nta wamenya uko bwira, bwije naho tukama twiteze impinduka, mburira ! Amezi atandatu arahera ng’uyo umwaka wose ngo fye ! Imana iba iracanye, agashahara kiyongerako ibihumbi mirongo itanu.

Haciye igihe kitari gito, narataye ndomoka. Nimukira mu rindi shirahamwe rikora mwe n’ivyo nyene vyo gutomboza biciye ku nkino. Nagiye ndondera igisumba ikindi. Nari ndose ahari agashahara kisununuye na bukebuke. Yamara, buriya ngo « akari mu mpene ni ko kari no mu ntama » ; no ngaho nyene nta masezerano y’akazi nigeze ndoswa ; vyumvikana ko nkora ntazi ko noba ndiko nkorera kazoza keza, canke ko umwanya uw’ari wo wose kohera.

Mu kwimara akababaro, ni ukuvyidoga 

Mu gihe ingingo ya 22 yo mu  gitabo citwa c’amategeko agenga akazi ivuga iti : « Kiretse umukozi wo ku musi ku musi, abandi bategerezwa gutera umukono ku masezerono y’akazi, igihe bakoreshejwe. », muri amwe amwe y’ayo mashirahamwe ho si uko biri.  Kuva ngitangura gukora, sindabona urwo rwandiko ; yaba jewe canke abaje mu nyuma zanje, twese ni co kimwe.

Si ivyo gusa ; mu gihe bisanzwe bizwi ko hariho ikigega co gutegekaniriza kazoza abakozi (INSS), ntawitwa  ko ari umukozi w’iryo shirahamwe yigera aziganirizwa. Tutirengagije ko umukozi ategerezwa no kuvuzwa n’ishiramwe asanzwe akorera. Ivyo biri mu burenganzira bwa buri mukozi wese ; nk’uko ca gitabo c’amagegeko kibitegekanya. Ivyo ntibirangwa muri ayo mashirahamwe, umukozi ashaka kwimara akababaro bimutera, aravyidoga ; hama agatekereza.

Harageze, nihaba hatararengerana, ko abakozi bakora muri mwe n’ayo mashirahamwe botunganirizwa, bagakurwa muri ako karenganyo gasa n’akabaye intahava. Nayo inzego za Reta zijejwe  gukurikiranira hagufi ayo mashirahamwe, nozisaba guhagararira agateka k’abakozi bayakoramwo, kugira ntanigire mu menshi kazoza kabo.

 

Quitter la version mobile