Site icon LE JOURNAL.AFRICA

« Woheza amashure ugasohokera kudandaza umubiri ?»

Ukivyumva wokwibaza ko ari ibitito. Ariko ni ivy’ukuri. Nibaza ko hari abantu bafata abigeme nk’ibidandazwa canke inka ushora ku macuniro; ahandi naho nkumirwa mbonye ingene nacumukuye mu kwiga, narangiza bakampa akazi ko kudandaza umubiri mu nzu y’uburaro. Ng’uku uko vyangendeye.

Nitwa Diane Manirakiza*, nkomoka i Gitega, umugwa mukuru wa politike. Mfise impamyabushobozi y’urwego A2 mu vy’ugutunganya ubutunzi (Gestion et Comptabilité). Ngiheza amashure, ntivyanyoroheye kuronka akazi; nk’uko bisanzwe bigoye kuri benshi. Ariko, igihe kimwe Imana iracana.

Nicaye imyaka ibiri. Ngize ntya, ntsitara ku mubanga ampa akazi kaba karambuza kwicara i muhira; kari ako kumesura amashuka yo mw’ihoteri iraho yo mu gisagara ca Gitega. Naranezerewe cane. N’aho kari kabayabaye, naragashimye; kuko karamfasha kutama nzeye inze, nsabiriza utwa nkenerwa k’uyu n’uriya. 

Uko imisi yahera, ni ko numva ntahagijwe n’amafaranga 40 000 vy’amarundi nahembwa. Abambona ntonda ku kazi buri musi, bibaza ko mpembwa ayafadika; ntibamenye ko ari za noti zine gusa, ata n’umugambi ndi burangure muri iyo ntica ntikize. Nca nigira inama yo kurondera igisumba ikindi. 

Uwuja gukira indwara…

Ni ho natangura kuja ndireshangishwa ku muntu wese mbonye aje muri iyo hoteri, mbaririkiriza uwondonsa akazi kampa agashahara kisununuye. Nabona ko amaherezo yanje atoba kuguma mesa amashuka asa uko yishakiye, ntanazi n’abayononye. 

Umusi umwe, mu modoka indungana mvuye i Bujumbura, twaje turayaga n’umugabo twicaranye. Ndamwiganira uko mbayeho. Asa n’uwugize ikigongwe; ni ko kumbwira ati:  » Ngiye kuguha akazi uzohembwa amafaranga 100 000« . 

Nibaza ko ndiko ndarota. Yaciye ansaba ifoto zibiri n’inomero za terefone. Imana yose, nari navyitwaje. Naciye ndabimuha ubwo nyene. Aca ambwira ko mu ndwi zibiri nzoba ntanguye akazi. Ndarindira mparura imisi 14 ingene irangira.

Kumbe yari Yuda

Igihe kigeze, yarampamagaye. Nshitse i Bujumbura, andangira ihoteri twohuriramwo. Maze mfata ibajaje inshikanaho. Akazi katatanguranye n’uwo musi nyene. Namusanze ku rubaraza rwa ya hoteri. Aca anjana ku mukoresha. Uri uwundi aranyakira, ambwira ko akazi kanje ari ako kwakira abakiriya no kubasasira. Ku gatima nti: ivyo bito! Kuko nari ndanabimenyereye.

Nkebutse gato, mbona ukuntu uwo databuja andaba, akongera akarabana mu jisho n’uwo yandangiye akazi, bintera amakenga. Umutima ngo kwa! Ntangura kugira ubwoba. Mu mutwe, ivyiyumviro bimbana indiri; nti mbega yemwe muri kano gahinga ka nyaga na nde, nosanga nagurishijwe ntabizi ? 

Biba nk’uko mbivuze

Bahavuye banjana mu cumba, iyo bigishiriza abashasha. Uwuriko arabigisha yaranshikishije, anyereka impuzu nambara: akajipo kagufi cane n’agahuzu katagira amaboko kandi kabonerana. Hirya ku ruhome, mbona ya sanamu yanje, bayigize nini, imanitse mu zindi. 

Inyigisho ziba ziratanguye. Uwo atwigisha atubwira ati: “Aba kera muze murigisha bashasha kuryohera abakiriya. Ubuhinga bwose narabuberetse. Uwuzoba ari mu butinyanka nawe, aze abivuge kare, isanamu yiwe tuyimanure, tuzosubira kuyimanika akize.” Aho ndi aho nti ziranyazwe!

Aho hose, wamengo ndi mu ndoto. Nya mwigisha arasohoka, bamwe ba kera basigara baratwigisha icigwa kivuga giti:“ukugene baryohera umugabo mu buriri”; muntunge, sinshimye kubabwira ibirimwo. Mu nyuma, baca bashira amasanamu y’ibiterasoni mu mboneshakure yari aho, tujako turaraba. Bwaza bumaze kugoroba. 

Iryo joro… 

Abo twari kumwe bose, abagabo baraje barabatwara kubararana. Dusigara turi babiri. Nk’isaha zitandatu z’ijoro, twaranyororomvye, tuja kurara mu cumba babikamwo imikubuzo. Turara tudatoye n’ak’imbwa. Ni ko kuburerekera mu rugi, hageze mu bucagucagu, dutungwa n’ayo twameze. Maze gushika i Gitega, nariruhukije nk’uwugarukiye iyo rwotera izuba nyene. Amagorwa ntasiga ayandi, nca nsanga na hamwe nahora nkora bansubirije ubutarariye. 

Muri buno bukene bw’akazi mu rwaruka, nta kitazoremwa!

*: yahinduwe izina

Quitter la version mobile