Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Nta muntu yobura ico akora kandi afise ishaka

Muri kahise katari n’aka kure, umuntu yarangiza amashure akazi kamurindiriye. Ariko, ubu si ko bikiri. No gukora ico umuntu yigiye, bisigaye bigoye. Ubwo bukene bw’akazi rero, hari bamwe mu rwaruka babwifatamwo ukundi: “kwiryamiza akate”. Mbega ngo ni wo muti?

Kuryama, mu ntumbero yo kuruhuka, ni vyiza. Ariko, umuntu akaruhuka yakoze. Kanatsinda; haruhuka uwarushe, kandi haruha uwakoze. Biratuma n’ibikorwa bikurikira bigenda neza. Mbere, n’abahinga batandukanye barahanura ko uwuruhuka, yoryama amasaha ari hagati y’6 na 8 kuri 24 agize umusi.

Ariko rero, hari urwaruka rwabigize nk’igikorwa gitegerezwa ; bakaryama amasaha menshi ashoboka ku musi, kuko ata kindi bagira co gukora. Kubera baba barabimenyereye rero, haragera igihe umubiri urendegera, ukamenyera ivyo nyene, maze ntibabe bagishoboye kuvyirinda. 

Naho nagendeye!

Mbazumutima Ezekiyeri* ni umusore asavye indaro ku wo mpangiye inzu mbayemwo; afise imyaka mirongo ibiri n’umunani. Haciye imyaka ibiri arangije kaminuza, mu gisata c’amategeko. Gushika ubu  ntararonka akazi n’aho, nk’uko abishingira intahe, atako atagize ngo akarondere hirya no hino, bikabura. Aho aboneye atakivamwo, yigiriye inama yo guheba kwiruka n’utudosiye muri kino gisagara, aca afata ingingo yo gutekana, akarya akaryama vy’ukuri. 

Ukugene akoresha umwanya wiwe wo ku musi: « iyo nikanguye mu gitondo, ndabanza nkatsa ngendanwa yanje ngasoma nkongera nkishura ubutumwa bwose nsangamwo. Ivyo biheze, nca mvyuka nkaba ndaraba imboneshakure canke nkaja kw’ibarabara kuba ndatera inkuru n’abagenzi. Ivyo ndabigira mu kurindira ko umukozi w’aho nsavye indaro aheza gutegura imfungurwa zo ku murango. Iyo mpejeje gufungura, nca negera igitanda nkaryama gushika bwire » ; ni ko uwo musore avyigana. 

Iyo ntahe ayisangiye na benshi mu rwaruka. Abatari bake bararyamira, mu ntumbero yo kumara umusi. Bamara kuvyuka, bakarondera aho bateramana n’abo basangiye ubwo bukene bw’akazi; bimwe twita “amarigara”, batera ryarenga mu bitagira mvura. Abahungu co kimwe n’abakobwa.

Barihenda

Mu vy’ukuri, nta muntu n’umwe abura ico akora mu gihe afise ishaka ryo gukora. Aho guta umwanya bari mu bitanda, bogerageza bakaraba uko biyungunganya, bagapfuma bemera gutangura bakorera ubushake, hanyuma mu nyuma ivyo bikabaviramwo kwitunganiriza ubuzi bo nyene.

Kira noneho, n’uwoba adashoboye kwiteza imbere mu butunzi, yopfuma aba arasoma ibitabu, akagwiza ubumenyi, ubona ko no mushure abigisha badatanga vyose. Na kare ngo « ntarataze aruta mbundare »;  wa mwibutsa.

Mwe n’urwo rwaruka rurakwiye kwikubita agashi. Bakava i buzimu, bakaja i buntu. bakamenya gucunguza umwanya umwete, bakiteza imbere bakibifitiye ubushobozi. Bakama bibuka ko « urima itiro, ukimbura ingonera”.

*yahinduriwe izina

 

Quitter la version mobile