Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Itabi : kuki tuguma turinywa kandi tuzi ko ari ribi ?

Kuwa 31 Rusama buri mwaka, isi yose irahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe kurwanya itabi. Mu Burundi, abanywi b’itabi si bake ; yamara, bose barazi ko ari ribi, ariko bakabandanya barinywa. Hari impamvu.

Dufatiye ku cigwa cakoreshejwe ubuhinga bwo gukurikirana indwara zitandukira (STEPS), cakozwe mu ntara ya Kirundo n’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu, mu mwaka w’2013, umuntu 1 kuri 5 ni we anywa itabi, vyongeye abantu 2 kuri 5 nibo binjizwa ibitaro bivuye kw’itabi banywa.

Si ivyo gusa ; mu cigwa ciwe c’ukurangiza igisata c’ubuvuzi mu mashure ya Kaminuza, Muganga  Alain Freddy, afatanije na Muganga François Ndikumwenayo, umwigisha muri Kaminuza y’Uburundi akaba asanzwe yanonosoye ivy’indwara zo mu mahaha, muri komine Gahombo mu ntara ya Kayanza, barerekana ko ibice 26% vy’ababajijwe bemera ko banywa itabi. Hari mu mwaka w’2017. Muri ico cigwa nyene, abahungu 18% banywa itabi ku bwinshi gusumba abigeme, bo bari ku bice 8%.

Agapfindo kahari rero ni aka : abantu barazi ko itabi ari ribi, na cane cane ku magara yabo, ariko babandanya barinywa ; biterwa n’iki ?

Ibinyoma

Muri ca cigwa, hari imvo zimwe zimwe barya bahinga bavumbuye ; hari abarinywa babikuye ku kwigana abandi, abibesha ko rivura, abibaza ko ritanga inguvu, abemeza ko  riruhura canke rigatanga umunezero, n’ibindi. Hariho n’abemeza ko batanguye kurinywa bakiri bato, kubera babona abantu bubaha kandi babakurira barinywa, nk’abavyeyi babo, abarezi babo canke abantu b’ivyamamare.

Ariko rero, ibice birenga 90% vy’abantu banywa itabi baremeye ko basanzwe bazi ko ari ribi ku magara yabo, kandi ko kunywera itabi ahantu hari abandi bantu bishobora kugirira nabi amagara yabo. Ico cigwa kirerekana kandi ko yaba abarinywa canke abatarinywa bose bazi ko itabi ritera indwara zo guhema nabi.

Iyo bamenya !

Mu vy’ukuri, ingaruka mbi z’itabi tuzibona iyo tumaze kwegera imbere mu myaka. Aho rero Abarundi batari bake turahihendera, kuko usanga twibwira ngo : « ko tutabonye ingaruka z’ikibiriraho, ni impore. » Maze ugasanga mu za bukuru, abatari bake bagwara za ndwara zidakira kandi ugasanga bazigendana  imyaka myinshi.

Ni uko rero mwe n’izo ndwara zitwara uburyo bw’umurengera iyo turiko turazivuza, imiryango myinshi ikahatakariza uburyo bw’amafaranga, bigatuma ija mu bukene butagira izina ; kandi yari imiryango yifashe.

Twibuke ko itabi rituma umuntu ashobora kwandura vyoroshe indwara zikomeye nk‘igituntu, iz’umutima, za kanseri y’amahaha n’izindi nyinshi. Zose ziza buhoro buhoro, ariko zigasesaguza imiryango, uwahora yiha ako umutima ushatse agasigara yipfumbereje.

 

Quitter la version mobile