Haraciye imyaka ibiri, Reta y’Uburundi yarabogoje amashirahamwe ashika 20 mu gikorwa co kwegeranya umwavu mu gisagara ca Bujumbura. Ariko, bigaragara ko ata gishasha cahindutse. None ingorane iri he ? Umuti wo ni uwuhe ? Twaregereye ababikurikiranira hafi.
Inyuma y’imyaka ibiri, nta ntambwe ishimishije uwo mugambi uratera. Ukubitiye mu makaritiye amwe amwe yo mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura nka Kinama, Kamenge n’ahandi, uzosanga mu miserege be no ku marembo y’imihana, umwanda wandagaye ukuri kwamye.
Umuyobozi mukuru mw’ishirahamwe SETEMU, Mpawenimana Jean Paul, ishirahamwe ryatanguje umugambi wo gusukura igisagara, amenyesha ko iryo shirahamwe ryatanze imihoho ku mvo z’ubukene ; ati: «Imiduga dufise irashaje ; ni iyo kuva mu mwaka w’ 1989 aho ishirahamwe SETEMU ryavuka. Vyongeye, ni na mike, ntiyokwira igisagara cose.»
Kubw’uyo muyobozi nyene, amashirahamwe yagiye ara...