Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Mohamed Khalfan Rukara : ni nde ? Yamaze iki mu Burundi ?

Kuri uyu wa 9 Kigarama 2019, niho uwahoze ari umuhuza w’Abarundi Mohamed Khalfan Rukara yashinguranwa iteka. Hari mw’itongo ry’abapfuye ryo mu Ngagara, ahitwa “Ku Barabu”. Yitavye Imana afise imyaka 64 y’amavuka, kuwa 29 Munyonyo i Buruseri mu gihugu c’Ububirigi. Uwo igihugu cabuze kitanka yamaze iki? Ido n’ido.

Abegereye umuryango w’uwo mukenguzamateka bemeza ko yavukiye muri zone ya Buyenzi, akaba agira icenda mu muryango. Kuva mu buto bwiwe, yagumye ari intwari, ari kiremesha, agakunda Imana n’abayo. 

Ivyo vyagumye bimuranga aho yaciye hose, bituma aba rurangiranwa. Uretse ijunja ryiwe n’ukuntu yambara neza, yamye ari umunyacubahiro akunda gutwenga, akagenda araramutsa abantu bose bahuye. “Uwutari bwakore mu minwe y’uwo mugabo, ni uwutamubaye hafi”; ni yo ndenzarugero bamwe bakoresha mu kuvyemeza. 

Ivyo yakora vyinshi vyarashimwa, abategetsi batandukanye harimwo n’umukuru w’igihugu c’Uburundi n’ingoma y’Ububirigi bari baramwambitse imidari bashima ibikorwa vyiwe. 

Umumenyeshamakuru n’umwigisha 

Uwo yaraye ashengeye yize amashure mu gihugu ca Arabiya Saoudite, akaba yarabaye mu bihugu vya Costa Rica na Tanzaniya. Yarakoze ubuzi butandukanye mu Burundi, harimwo ukwigisha, mbere aba n’umumenyeshamakuru.  Mu myaka ya 80 na 90, yavuga amakuru y’igiswahili kw’iradiyo y’igihugu, yongera yigisha muri Kaminuza y’Uburundi ururimi rw’igiswahiri nyene.

Ubwo buzi bwose yabukora abukunze, kuko no mu myaka yakurikiye, abamenyeshamakuru yarabubaha. Ivyo vyaboneka rimwe na rimwe iyo bahuriye mu nama arimwo; yarafata akanya ko  kuganiriza abakora uwo mwuga.

Igihe yigisha muri Kaminuza, yaranaserukira urunani rw’ibihugu vy’Abarabu « Ligue Arabe » mu Burundi. Ivyo vyatumye ashobora kurungika abanyeshure b’Abarundi benshi kwiga mu bihugu vy’Abarabu.

Umuhuza w’Abarundi wa mbere

Kw’igenekerezo rya 12 Munyonyo mu mwaka w’2010, umukenguzamateka Mohamed Rukara yatowe kuba umuhuza wa mbere w’Abarundi na Reta, kuva Uburundi bwitwa izina. Yatowe mu matora atari yoroshe, kuko  abashingamateka bo mu mugambwe Uprona n’abaserukira imigwi y’Abatwa bari basohotse kubera ukwanka itorwa ry’umuhuza asanzwe ari umunywanyi w’umugambwe CNDD-FDD. 

Mu ntango, hari hatanzwe amazina y’abantu 17. Hamaze kuba igice ca mbere c’amatora, hasigaye abantu batanu. Mu nyuma bane barakuramwo akarenge haca hasigara umukenguzamateka Rukara. Niko gutorwa ku majwi 84, mu gihe yari akeneye 80, gutyo aba abaye Umuhuza w’Abarundi. No mu nama nkenguzamateka yatowe ata ngorane.

Kw’igenekerezo rya 27 munyonyo 2010, niho Mohamed Rukara yarahira imbere y’umukuru w’igihugu n’abaserukira abenegihugu ko atazohemuka mu mabanga ashinzwe. Ibikorwa vy’urwego rw’umuhuza bica vyugururwa ku mugaragaro, kw’igenekerezo rya 27 Ruhuhuma 2011.

Yaranguye vyinshi ari umuhuza

Mu cegeranyo c’ivyo yashitseko, umuhumure Rukara yashikirije ko yaseruka ahari ukutumvikana, akagenda amatati atorewe umuti. Ivyo yavuze ko vyashitse incuro zigera kuri 60 zose. Nayo amadosiye yaronse y’abamwitura, yose hamwe yari 1290. 

Muri ayo madosiye yose, ayashika 60 kw’ijana yari ashingiye ku matati y’amatongo. Abandi bantu bamwituye ku bwinshi bari abakuwe mu kazi hadakurikijwe amategeko (17 kw’ijana) n’abandi bashika 12 kw’ijana baba baraciriwe imanza mugabo ntizije mu ngiro. Umugwi usigaye ni uw’abantu bamwitura mu bindi.

Mu bihuhusi urwo rwego rwaciyemwo arurongoye, mu 2012, umuvugizi wiwe yatangaje ko hari akagwi k’abantu bashaka kugandagura umuhuza. Abo nabo vyavugwa ko bari abiba amatungo ya Reta. Ikindi naco, ntawokwibagira amakuba yo mu 2015 yabaye Cheikh Rukara akiri umuhuza. 

Muri Munyonyo 2016, niho yarangiza ibikorwa vyo kuba Umuhuza, asubiriwe na Edouard Nduwimana.

Umunyakanyamuneza

Akiramutswa urwego rw’Umuhuza w’Abarundi, yarashinze ibigo bitari bike harimwo “Fondation Salama”, Insamirizi n’imboneshakure Salama, amashure menshi yigisha ibisata bitandukanye,  harimwo na kaminuza yitiriwe Amahoro n’ugusubiza hamwe izwi nko “kwa Rukara”.

Umusi wo gutanguza ibikorwa vy’urwego rw’umuhuza mu 2011, umuhuza wa mbere yareretse abantu ko ari umunyakanyamuneza koko. Yarahagurutse aranyukura akaziki, igihe umuririmvyi Riziki afadikanije n’abandi nka Kaka Boneh bariko bararirimba “Hongera Ombudsman” (Turagukeje Muhuza ndlr).

Yari umugabo w’ijunja n’ijambo, yitaho ineza n’iterambere, na canecane vy’urwaruka, aho yakunda gushigikira imigambi yarwo. Uburundi burabuze intwari!

 

Quitter la version mobile