Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Rumonge – Korera : « Mvuye guta nyogokuru agaruka arankurikira »

Uko umwaka utashe, mu gisagara ca Rumonge, hama hibonekeza ikiza c’indwara ya korera. No muri ino misi nyene, hari abo giheruka gufata. Inzego zitandukanye ziraheza zigafata ingingo zo kukigwanya. Ariko ikigaragara ni uko ingingo zifatwa zidakwiye. Reka tubirabe hano.

« Abantu barenga ijana na mirongo itanu barafashwe n’indwara ya korera muri kuno kwezi kwa Nzero 2019, ikaba yarahitanye ubuzima bw’ umuntu umwe muri abo » ; ivyo bimenyeshwa na  muganga Jean Claude Ndikumasabo arongoye intara y’ ubuvuzi ya Rumonge. Korera ni imwe mu ndwara zituruka kw’isuku rike.

Bumaze kubona ubwinshi bw’abantu bafashwe, ubushikiranganji bw’ amagara y’ abantu n’ukugwanya ikiza Sida bwaratangaje iyo ndwara nk’« ikiza cateye ico gisagara ca Rumonge ». Maze ingingo n’ibikorwa bigamije kukirwanya bibona gutangura.

Ibitari bike vyarakozwe

Abarongoye igisata c’amagara y’abantu baribukije kandi barahimiriza ku musi ku musi, hakoreshejwe ibinyamajwi n’amatangazo yaciye ku nsamirizi no mu mashengero, amabwirizwa y’ isuku. Iruhande y’ivyo, ugutembereza ivyamwa mw’ ibarabara, ukwotsa ibigori ku mabarabara, gutembereza imitobe y’ ubwoko ubwo ari bwo bwose, ivyo vyarahagaritswe n’ingingo ya Musitanteri wa komine Rumonge, Célestin Nitanga.

Nayo bamwe banda ivyamwa mu bibanza bizwi, abajejwe intwaro  ku rwego rwa komine Rumonge babasavye ko bobigirira isuku mu kubitekera mu bumwanya .

Uretse ivyo, harabaye kandi isekeza ryo kugendura ibirabo, imihana itandukanye n’uburiro, basuzuma ko hari utuzu twa surwumwe dufise isuku, bakaraba ko ata n’imyanda yandagayeho. Bimwe mu birabo bidafise isuku vyarugawe, nayo abo mu mihana bacibwa ihadabu. Ikindi cabujijwe, ni ukuvoma amazi y’ikiyaga Tanganyika.

Haba abajejwe intwaro canke abajejwe amagara y’abantu, bompi barasavye ko igisata kijejwe gutanga amazi co kugurura amabombo rusangi, abantu bakavoma ku buntu.

Ariko ntibikwiye

Ba sokuru bati : « Uwuvura neza isumbi avura icayiteye ». Igisagara ca Rumonge gihuriramwo abantu benshi cane, kandi b’imico itandukanye. Amakomine atatu kuri atanu agize intara ya Rumonge ari ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika.

Naho biri uko, ni igisagara gikenye cane amazi meza ; wa wundi ngo « amazi arakena yuzuye impange ». Kanatsinda ntihakenye amazi, hakenye ayasukuye.

Umugani wa ca gisokozo ngo « mvuye guta nyogokuru aza arankurikira », igisagara ca Rumonge kirakenye kandi ikibanza co kwegeranirizamwo iyarara riva hirya no hino. Abenshi babisuka aho babonye hose, nko mu miserege canke ku nkengera z’ibarabara.Iyo imvura iguye rero, ica yegeranya ya myanda yose ikayijana no mu kiyaga ngo ba ! Ababa kuri nkengera zaco bakagaruka kuvoma ayo mazi nyene, ntibanayateke imbere y’ukuyanwa canke kuyakoresha ibikorwa bitandukanye. Korera nayo iti nababonye ! Ku bwanje, ukubaka nyabarega rusangi, mbere ikaba kure y’ikiyaga Tanganyika, gukwiragiza amazi meza mu gisagara, ni wo muti urama wodukingira izo ndwara zama zitera abantu buri mwaka. Bitagenze gutyo, izindi ngingo zose zofatwa ziguma ari imfatakibanza.

 

Quitter la version mobile