Uko umwaka utashe, mu gisagara ca Rumonge, hama hibonekeza ikiza c’indwara ya korera. No muri ino misi nyene, hari abo giheruka gufata. Inzego zitandukanye ziraheza zigafata ingingo zo kukigwanya. Ariko ikigaragara ni uko ingingo zifatwa zidakwiye. Reka tubirabe hano.
« Abantu barenga ijana na mirongo itanu barafashwe n’indwara ya korera muri kuno kwezi kwa Nzero 2019, ikaba yarahitanye ubuzima bw’ umuntu umwe muri abo » ; ivyo bimenyeshwa na muganga Jean Claude Ndikumasabo arongoye intara y’ ubuvuzi ya Rumonge. Korera ni imwe mu ndwara zituruka kw’isuku rike.