Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Bujumbura : abivuriza kw’ikarata y’abarimyi « CAM » bari mu gahinda

Kw’igenekerezo rya 7 ndamukiza uko umwaka utashe, Uburundi n’amakungu vyarahimbaje umusi mpuzamakungu wahariwe amagara y’abantu. Hano mu gihugu cacu, igisata c’amagara y’abantu cugarijwe n’ingorane zitari nke. Twahisemwo kubayagira ku bijanye n’ikoreshwa ry’ikarata y’ukwivurizako « CAM » ; Ntivyoroshe.

 

Mu cigwa cakozwe mu mwa w’2014, ibice 17.9% ni bo barundi bari bafise ikarata iborohereza kwivuza. Muri ivyo bice, ikarata y’abarimyi (Carte d’Assurance Maladie) izwi nka « CAM » yakoreshwa n’ibice 23%, ikarata y’abakozi ba Reta igakoreshwa n’ibice 3.4 %, hamwe n’ibice 1.3 % bakoresha ikarata yo kuvuzanya y’amashirahamwe y’abenegihugu.

Naho iyo karata CAM ariyo ikoreshwa cane, aho yemerwa ni mu mavuriro n’ibitaro vya Reta gusa, navyo nyene vyo hagati mu gihugu. Mu bitaro vyose vy’i Bujumbura, kandi ari ho hari abaganga b’abahinga, ntibayakira. Iyo umugwayi akoresha iyo karata yungururijwe muri bimwe muri ivyo bitaro rero,  ntiyoroherwa na gato.

N’agatongo kararibwa !

Yohani*, amaze amezi ane apfungiwe mu bitaro vyitiriwe umwami Karedi vyo mu Kamenge. Ku bitaro vyo mu Gashoho mu ntara ya Muyinga, aho yatanguye kwivuriza, ngo yarorohewe cane kwivuza kuko yari afise ya karata y’abarimyi (CAM) ; maze imiti n’ibipimo yandikirwa yabiriha ibice 20 kw’ijana gusa. Yamara, ako gahengwe ntikamaze kabiri.

Ati : « Kubera indwara y’amafyigo bantoye itaboroheye kuvura muri ivyo bitaro, vyabaye ngombwa ko nungururizwa i Bujumbura, ahari abahinga babinonosoye. »

Yamara, i Bujumbura yasanze ari ibindi. Ati : « Kugira banyemerere kwinjira ibitaro, twarinze kugurisha agatongo gihutihuti, kuko nasanze agakarata CAM batakemera. Ngize ngo ndatoye mitende, amahera banciriye nsanga ni umurengera. Sinopfa nshoboye kuyariha. Ubu mfungiwe ngaha gushika habonetse umugiraneza yondihira ».

Anna*, umuvyeyi aturuka i Bubanza agwariye mu bitaro vyitiriwe umuganwa Karori, nawe nyene bimeze nk’uko.  N’agahinda kenshi avuga ati: « Ubu ndabura imiti nterwa kubera izimvye, kandi ntararonka rwa rupapuro rwo mu bushikiranganji bwo gushigikirana kugira mvurwe ku buntu. Nayo agakarata ko narataye ».

Igituma itacemerwa

Ingingo nshikiranganji n° 650/530/445 yo ku wa 2 ndamukiza 2003, ni yo ishiraho iyo karata CAM, vy’imfatakibanza, mu kurindira ishirwaho ry’ikarata yo kuvuzanya y’amashirahamwe y’abenegihugu. Kubw’iyo ngingo, iyo nyene ikarata agiye kwivuza, ariha ibice 20% vy’amafaranga yivurijeko, maze 80% bikarihwa na Reta.

Ariko rero, nk’uko twabibwiwe n’umuganga arongoye ibitaro bimwe vyo ngaha mu gisagara ca Bujumbura: « Bivuye ku madeni y’umurengera Reta iba ifitiye ivyo bitaro, twahisemwo guhagarika ikoreshwa ry’iyo karata kugira ntiduhagarike ibikorwa vyose. »

Kira noneho, « n’itegeko rigenga iyo karata ntirikijanye n’ibihe tugezemwo, uravye umurindi w’igwirirana ry’abantu n’izimba ry’imiti n’ibikoresho vyo kwa muganga. Kandi mbere, n’amafaranga Reta ishira muri ico gisata ntiyongerejwe » ; uko ni ko ubuyobozi bukuru bujejwe abakozi n’ibikoresho, mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu no kugwanya ikiza ca SIDA bwabibwiye ikinyamakuru c’Abashinwa people.com.cn. Uwo muyobozi agahanura abantu ko bokwijukira amashirahamwe yo kuvuzanya y’abenegihugu, ngo kuko ubu arahari.

Yamara, ku bwanje, nimba Reta igomba gukura akarenge muri ico gikorwa co kuvuza Abarundi, ikwiye gutanga iyindi ntumbero y’ukuntu ibintu vyoheza bigaca bigenda. Nk’akarorero, ku cifuzo c’uko Abenegihugu bovuzanya bo nyene, ni kuki itobafasha, igatako ikabahimiriza kuja mu mashirahamwe ajanye n’ico gikorwa. Na kare ngo « ibinyegeri vyinshi ntivyimba ».

*yahinduwe izina

 

Quitter la version mobile