Site icon LE JOURNAL.AFRICA

« Ihinduka ry’inyifato y’abantu rihera kuri jewe » : ubuzima ndorabitsina

Igituma isi iguma iriho, ni kubera abantu bavyara bakarera bagakuza. Igihugu kidafise urwaruka kiba gifutanye. Runo na rwo rubangamirwa na vyinshi ; muri ivyo, ukutamenya ivy’ubuzima bw’ibitsina vyabo. Agatabu « Ihinduka ry’inyifato y’abantu rihera kuri jewe » kaje nk’inyishu ku bitari bike. 

 « Urwaruka rudashikana imyaka 25 rurarenza ibice 60% vy’Abarundi bose. Urwo rwaruka ruhanzwe n’ibibazo bishobora kwunyura ingene rwari rusanzwe rubayeho. Aha, umuntu yovuga nk’ibibazo n’amadidane urwaruka rugira mu ntango y’ubuyabaga, kubera ukutamenya canke ukutagira insiguro zikwiye, maze bigatuma bagira ingorane mu buzima bwabo bwa minsi yose. » Ivyo bishikirizwa n’umushikiranganji w’indero n’inyigisho z’imyuga, Janvière Ndirahisha. Tubisanga mw’ijambo ryo gushikiriza agatabo kitwa : « Ihinduka ry’inyifato y’abantu rihera kuri jewe ».

Ako gatabu karereka urwaruka inyifato ibereye ku vyerekeye irondoka rijanye n’amagara meza. Kanatsinda, iyo rutaronse inyigisho zihagije, ruca ruguma mu vyago bitandukanye. 

Kaje hageze

« Ivyo bibazo bihanze imiyabaga birabonekera cane mu mashure, uravye ingene abanyeshure batwara inda z’ishushu baguma bongerekana, ukongera ukaraba ingene indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka canke ikiza SIDA biguma vyibonekeza » ; umushikiranganji ajejwe indero n’inyigisho.

Bimwe mu vyo urwaruka rukwiye kw’igishwa, nk’uko biri mu ntangamarara y’ako gatabu, ni ivyerekeye uguhuza ibitsina n’irondoka rijanye n’amagara meza. Ivyo rero ngo vyonatuma bashobora gutegera ihindagurika ry’umubiri n’inyifato yabo mu ntango y’ubuyabaga.

Mw’ihangiro ry’iterambere rirama gushika mu mwaka w’2025, harimwo gukarihirihiriza ubwenge abegwa n’ibibazo vy’irondoka rijanye n’amagara meza mu miyabaga n’urwaruka. Ivyo rero ngo amashure yaravyishinze, afadikanije n’abandi bose bitayeho indero y’urwaruka babicishije mu nani zihuza abegwa n’iryo banga. 

Ubumenyi busesekaye

Umwana ashitse mu myaka yiwe y’ubuyabaga, abona vyinshi bihindutse mu buzima bwiwe ; ako gatabu kazotuma abagasomye batahura ibitari bike. Aho rero ngo bazoshobora gutegera neza ibijanye n’ubuzima ndondagitsina, bongere bamenye ibijanye n’iterambere ridakumira (uburenganzira bumwe mu bafise igitsinagore n’abafise igitsinagabo).

Ahacu, rimwe na rimwe tuzoza turabasangiza bimwe bimwe mu vyo dukuye muri ako gatabo.

 

Quitter la version mobile