Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Nankana ngo abakiri bato ntibakwiye gutinya ikiza koronavirisi ?

Inkuru z’uko abantu bafise imyaka mike umugera SARS-CoV-2 ataco ubagira ziguma zikwiragira ku mbuga ngurukanabumenyi. Ariko rero, turakwiye kuhagabira.

Izo nkuru zifatira ku biharuro bimwebimwe bishirwa ahabona, aho vyerekana ko mu bantu bababa 5 000 bamaze guhitanwa n’ico kiza mu Butaliyano, ibice 98,9 bafise imyaka yababa 78. Muri abo 5 000 bamaze gushengera, ibice 1,1 ni bo bafise imyaka iri musi ya 50, naho nyene benshi muri bo (99%) bakaba bari basanzwe bafise ubundi bumuga nk’indwara zidakira (igisukari, umutima, n’ibindi), nk’uko bitangazwa n’ikigo « Institut supérieur de la santé, ISS ».

Mugabo rero, uwurongoye isharahamwe mpuzamakungu riraba amagara (OMS) arahimiriza abakiri bato, abasaba kutijajara. Tedros Adhanom Ghebreyesus ati : « Ico kiza gishobora kubaryamika mu bitaro amayinga, mbere kikanabahitana. Kitabasinzikaje naho, mumenye ko ingendo mufata zishobora kugira ingaruka ku buzima bw’uwundi muntu».

Twifashe dufashe n’abandi

Kukaba nka ko, ibindi biharuro vyerekana ko ibice 50 vy’indembe ziri kwa muganga mu Bufaransa bafise imyaka iri musi ya 50, hama ibi 12 vy’indembe vyo mu gihugu c’Ubutaliyano bafise imyaka iri hagati ya 19 na 50. Vyerekana neza rero ko abadafise imyaka myinshi batoshira agati mu menyo.

Abakiri bato rero, co kimwe n’abandi bantu, bakwiye kubandanya bakurikiza impanuro zo kwikingira ico kiza, nazo akaba ari nko gukaraba kenshi n’isabuni, kutegera cane umuntu muriko murayaga, gukorora wipfutse ku munwa n’agatambara uheza ugaca uta aho bigenewe, n’ibindi.

 

Quitter la version mobile