LE JOURNAL.AFRICA
SANTE

Ibitaro bikuru vya Ngozi: batondera imiti nk’abarondera isakaramentu!

Imyaka irarenze ibiri, ku bitaro bikuru vy’ i Ngozi, hafashwe ingingo y’uko umurwaza canke umurwayi ari bo bonyene bategerezwa kuja kwitorera umuti aho usanzwe udandarizwa, aho babanza kuwubarura. Bamwe mu barwaza bakidoga bati: « Iyo ngingo yaje kwica ico yari gukiza. »

Nta yinga rirarangira, nari nagiye kuraba umugenzi arwariye ku bitaro vy’i Ngozi.  Nshitse imbere y’inzu itangirwamwo imiti, mbona imirongo miremire cane y’abarwayi n’abarwaza  basunikana. Ngize ntya, mbona umurwayi umwe vyanse ko atera intambwe, kuko ata tuguvu two guhagarara ku murongo yari agisigaranye.

Impuhwe ziramfata, ndegera ngo ngire ico ndamufasha, nawe ati: «Reka reka mupfaso ! Kuva aho bafatiye iyi ngingo, turarushe. Ahubwo, ngira nasubiye kuremba. »

Kukaba nkako, uruzuba yariko rwamena imbwa agahanga.

Ukugene iyo ngingo yaje

Nk’uko abaganga n’abandi bakozi bo muri ivyo bitaro babisigura, iyo ngingo yafashwe n’ubuyobozi bw’ibitaro, bivuye kw’inyuruzwa ry’ imiti ryari ryimonogoje. Nk’uko vyagenda ubwa mbere, umuganga wese yarahitana umuti aho mu bubiko bwayo, akaja kuvura umurwayi ajejwe. Mu nyuma, bimenyekana ko bamwe mu baganga banyuruza imiti, bitwa ngo bayishiriye ab...   

Continuer la lecture de cet article sur YAGA BURUNDI

Articles similaires

Goma : plusieurs quartiers de la ville dépourvus d’eau

OKAPI CONGO

Grève des médecins tunisiens pour une réforme profonde du système de santé

RFI AFRIQUE

Coronavirus : la RDC franchit la barre de 50 cas, dont 4 décès

OKAPI CONGO
Verified by MonsterInsights