Site icon LE JOURNAL.AFRICA

« Buja Sans Tabou (umusi wa 4) » : Buyenzi, umugwa wahabuje intahe y’ukwikukira kw’Uburundi

Kuwa 20 Ruhuhuma, isabukuru “Buja Sans Tabou” ryahawe ikaze muri zone ya Buyenzi. Kabaye akaryo ku bari bitavye ibirori ko kumenya vyinshi kuri kahise kaho, na canecane ukuntu iyo karitiye yitanze cane mu guharanira intahe y’ukwikukira.

Akavura kari kaguye. Abari bahari bari bagize ubwoba, bibaza ko ibirori vyateguwe bihava bisiba, na rirya yakuvye nk’iyibura isegenya; naco icese “Plus de circoncision” (Nta gusubira kugenyerwa ndlr)  canditswe na Rugero Roland kigatunganywa na Sabimbona Freddy categerezwa gukinirwa mw’ibarabara.

Ikibanza catunganirijwemwo ivyo birori, ubwaco gifise insiguro idasanzwe. Inzu  iri kw’ibarabara rya 14 inomero 6 ntisanzwe. Imbere y’ibaraza yo hejuru y’iyo gorofa igeretse rimwe, akabendera gashaje k’umugambwe Uprona kaguma gahungabana. Mu bisanzwe, iyo nzu isigwa na Salum Bichuka, umuswahiri w’umugwizatunga akomeye, yari afise ibituro bidandaza igitoro n’imiduga itari mike. 

Nk’uko bivugwa na Mugunwo Anzuruni, umwe mu nararibonye zo muri iyo karitiye,  Salum Bichuka yari afitaniye imigenderanire idasanzwe n’umuganwa Rwagasore Rudoviko. Iyi nararibonye y’imyaka 76  igira iti: “imiduga Rwagasore yakoresha mu myiyamamazo no gushika mu gihugu hagati, ahimiriza abanyagihugu kwikurako ubukoloni, yakoresha igitoro ca gusa, gitanzwe na Bichuka. Eka n’imiduga yakoresha yari iy’uwo mugwizatunga”. 

Icatumye abahazampano bagana Buyenzi

Burya Abaswahili bashitse ku butaka bw’Uburundi Abarabu bataranagwira. N’ubwo bari bafise imico ishusha n’iy’Abarabu ku mvo y’uko bahurira kw’idini rya Islam, nabo barafise imico yabo bwite bisangije.

Kuva kera cane, Abapatiri bera ntibabona ryiza Abaswahili. N’ubu rimwe na rimwe ivyo vyiyumviro biracahari  kuko iyo umuntu akubwiye ko uri umuswahili, kenshi na kenshi, aba agufashe nk’umuswaganyi, umubeshi. 

No mu mashure vyarashitseyo ico gihe. Nta muswahiri yapfa kwemererwa kwinjira mu mashure yatwarwa n’Abapatiri bera. N’uwugize iryo bakwe yategekwa guhindura izina. Uwari Abdoul Karim yaba Jean Bosco canke irindi zina ry’umutagatifu muri Ekleziya.

Iyo mibabaro ni yo yatumye Rwagasore avuye mu Bubiligi yiyumva neza mu Buyenzi kuko ari ho hari abanyagihugu bababaye cane: kuba umurundi n’umuswahiri ico gihe nticari icoroshe. Ivyo vyose, ni vyo vyatumye iryo sabukuru rigana iyo Karitiye. 

Buyenzi, intwari yibagiwe

Nk’uko abakurambere  bari bahari mu myaka ya mirongo itandatu babivuga, n’ubwo abakirisu bataraba ryiza Abaswahili ku kosho k’abapatiri n’abapasitori bababonamwo “imico mibi”, i bwami siko babonwa. N’ikimenyamenya, umwami Mwambutsa Bangiricenge yari afitaniye imigenderanire myiza cane nabo. Aho yari i Muramvya yaragendera cane ibibanza babamwo. Abantu benshi baranamwagirije  guta imico y’ikirundi agafata iy’Abaswahili, kuko bivugwa ko yoba yarigenyereje, umugenzo wari uzwi mu baswahili, ico gihe.

Rwagasore avuye mu Bubiligi atarangije amashure yiwe aje kubohoza igihugu; yashitse abonwa nk’urukiza ku Baswahili bazira idini. “Twamubona nk’uwuje kudukurako agacinyizo, kuko twibwira neza ko twoheba tukabonwa nk’abandi Barundi; erega wamenga si mu gihugu iwacu ». Ivyo bivugwa na Hamza, uwundi Munyabuyenzi yari aciye akenge ico gihe.

Ku muzo w’imigambwe y’Abarundi, karitiye ya Buyenzi yabaye ihuriro ry’imigambwe. “UNARU” yashize ingoro yayo neza na neza kw’ibarabara ry’13 inomero 9, “UPRONA” nayo yimutse gatatu, ariko aho hose yaguma mu Buyenzi. Yatanguriye kw’ibarabara ry’umunani inomero 11, ihava ija ku rya gatanu inomero 18, imbere yo gucumbika kwa Bichuka.

Buyenzi yari Ikaritiye yabereyemwo ibikorwa vyinshi vyo guharanira intahe yo kwikukira kw’Uburundi. Abashingamateka ba mbere bahurira muri ico kibanza kenshi, bayaga ivy’igihugu. Ntikwoba gushikuza hagize uwuvuga ko ingingo zikomeye ku bijanye n’ukwikukira zafatiwe aho nyene.

 

Quitter la version mobile