Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Urudandazwa rwo musi y’umutaka:  « Tugiye kuba abande?»

Ku wa 21 munyonyo 2019, umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy Mbonimpa, mw’itangazo yasohoye, yarahagaritse urudandazwa rwo mu mitaka, hamwe n’abatembereza ibintu mu mabarabara. Iyo ngingo ntiyakiriwe neza n’abari babeshejweho n’urwo rudandazwa, Pierre* aradushingira intahe y’aho rwamukuye n’aho rwari rumugejeje.

Abavyeyi banje bose bahitanywe n’intambara. Eka n’abo tuvukana bose nta n’umwe tukiri kumwe, kirete mushikanje yagira arangize amashure yisumbuye. Mu mvyaro umunani zose, dusigaye turi babiri. Umuryango ntiwigeze utwitaho na gatoya ; si ba marume, ba data wacu, incuti n’abari abagenzi b’abavyeyi bacu, wamenga nta n’ikintu na kimwe duhuriyeko.

Twakuze turi ba ntahonikora. Amashure matomato twayize ku magendera, duca ingero, twiyandikisha muri ba ntahonikora, Reta idufasha. Tumaze gushika mu yisumbuye, ntivyoroshe ko tuja mu bafashwa na Reta. Ni ko gukoranya kwiga no guca ingero, kugira mbashe kwiga no gufungura. 

Ikibabaje cane, data yapfuye yarimariyeko agatongo. Nakuze mbona tuja gusembera aho turima. Igihe abo bavyeyi bitabiye Imana, vyaratugoye cane, kuko ntitwagira aho turima hitwa iwacu. Gushika n’ubu, turya dusumye. Bukebuke, ndiga amashure yisumbuye, ndayaheza.

Imigere ibiri

Maze gutora ikibazo ca Reta kirangiza amashure yisumbuye, ndonka uruhusha rwo kuja muri kaminuza. Ariko, amanota naronse ntiyari akwiye ngo anjana muri kaminuza ya Reta; aho biga batariha. Nategerezwa kwiyandikisha muri kaminuza yigenga. Aho, amafaranga y’ishure sinari gushobora kuyaronka ntarondeye ikindi mfadikanya. 

Nagize amahirwe, ndonka umugenzi asanzwe yiga muri kaminuza, andangira akazi i Bujumbura. Natanguye umwaka wa mbere nkora akazi k’izamu. Ako niko kamfashije, nshobora kwiyandikisha no kuronka amafaranga ntanga igice ca mbere. Ariko, kubera ako kazi karuhisha, nararwaye cane, bimviramwo kugaheba. 

Ndihebura cane; nabona ko n’amashure ngiye kuyahagarika. Mu nyuma, ni ho nagira amahirwe, ndonka umugenzi anshira muvyo kudandaza Ecocash na Lumicash, antiza n’umutahe w’intango. Ndakora, ndunguka cane, nshobora kwirihira kaminuza no kwigisha mushikanje. Ubu nta bwoba nari mfise. 

Umusi mubi

Akavuze uwundi ngo “umusi mubi”, umusi nsoma irya ngingo wambereye mubi koko.  Narabuze ayo ncira n’ayo mira, ivyiyumviro bimbana ijana n’ijanja. Naribaza ukuntu ata handi neza amaso, atari muri urwo rudanzwa ruhejeje kubuzwa, nkabona ni igipfungu. Uno musi, sinkekeranya ko kaminuza ngiye kuyihagarikira aho nari ndayigejeje, na mushikanje nyene ahagarike amashure. 

Ikibabaje muri vyose, abo badufatiye ingingo nyene, ni bo badahengeshanya kuduhimiriza ngo twitunganirize imigambi tureke kwama duhanze amaso Reta. None ko batatworohereje muri dutoduto, uko si kwa kwanka agakura? Abantu bose bateye imbere, nta n’umwe yahereye aho ageze. Bose bahereye hasi maze baratera intambwe. Natwe nyene ni co cizere tuba dufise iyo tuja gutembereza ibidandazwa mw’ibarabara canke iyo tuja kwirirwa twiyanikiye musi y’umutaka. 

Rurya rudandaza rwari rutunze imiryango, rwubatse ingo nyinshi, rwigisha abana b’igihugu, eka rwinjiriza n’igihugu; kuko ntihenze, abatembereza ibidandazwa mw’ibarabara bari banditswe muri biro vy’uburongozi bw’igisagara, kandi bagatanga ikori. Abo mu mitaka, nabo binjiriza amashirahamwe,ayo nayo agatanga ikori. None nk’ubu, imiryango yari ibeshejweho na rurya rudandazwa igiye kuba iyande? 

 

Quitter la version mobile