Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Igwirirana ry’abantu : imvyaro n’iterambere, duhitemwo kimwe

Haraciye imisi indwi, isi ihimbaje umusi mpuzamakungu wahariwe abanyagihugu. Uwo musi wampaye kwiyumvira ku bavukagihugu b’Uburundi. Kuva mu mwaka w’2001, ibitigiri vy’Abarundi vyagumye vyiyongera, ariko  kandi, bigaragara ko bitariko birasubira hasi vuba. None iryo gwirirana ryoba ritumwa n’iki ? Ingaruka zaryo zo ? 

Muri rusansuma rwakozwe mu mwaka w’2008, ibitigiri vy’abantu baba mu Burundi vyari 8.053.574. Naho icegeranyo cakozwe  n’ikigo ISTEEBUmu mwaka w’2016 categekanya ko ibitigiri vy’Abarundi bazoba baba mu Burundi vyangana 11.772.322

Ico kigo nyene kirabandanya cerekana ko ibitigiri vyiyongereye muri uyu mwaka w’2019, aho categekanya ko ubu bigeze   ku bantu 12.044.164. Muri ivyo bitigiri rero, abangana 5.949.575 akaba ari ab’igitsina gabo, nayo ab’igitsina gore bakaba bangana 6.094.589.

Ba sokuru bati: “nta kabura imvo”; uwo muvuduko mu kugwira kw’Abarundi ufise imizi myinshi, nk’imicokama yacu, nazo ingaruka zikaba ubwome.

Imico itagihuye n’ibihe

Nibaza ko imvo nyamukuru ya mbere ituma Abarundi baguma barondoka ku murindi munini, ari imigenzo yacu. Turamenyereye kwumva amajambo avugwa iyo abantu baje kwibarutsa uwavyaye bamubwira ngo : “Subirayo nta mahwa ariyo”, canke ngo “uze uvyare benshi umpe kamwe”

Mu Burundi, uruvyaro ruboneka nk’umugisha; maze abantu bakanezererwa kugwiza ibibondo, bataniyumviriye ingene biri bubeho. Bagaheza bakagira bati: “havyara Imana”, abandi ngo “nije irazana”. Ivyo ni na vyo incuti n’abagenzi bipfuriza urugo rushasha, ko rwovyara rukageza no kuri Nyobeye canke Inabusimbo. 

Aho, ukwemera ntikuba kuraza. Nk’akarorero hari amadini afatira kw’ijambo riri muri Bibiliya, mu gitabu c’itanguriro 9:7 rivuga riti:  « Muravyare mungane n’inyenyeri zo kw’ijuru hamwe n’umusenyi wo ku kiyaga». Benshi bararyishimikiza, bagaca bibaruka n’abo badashoboye kurera. Ingorane zikandurukira aho.

Ingaruka ari zo

Mu gihugu nk’Uburundi, aho ivyo kurondoka ku rugero bitarumvikanwako neza, biragoye cane ko n’iterambere riheza ngo rishinge imizi. Umwanya wo kwiyumvira imigambi y’iterambere, abubakanye bawumarira mu kujana abana kwa muganga n’ukubaronderera ivyo bafungura; nta wiyumvira kazoza. Imiryango nk’iyo ni myinshi, kandi ibaho ku musi ku musi.

Igikenewe mu maguru masha ni uko Reta yoshinga kandi igashira mu ngiro ingingo igabanya imvyaro, maze umuryango ukavyara abana ushoboye kurera. Ikindi gikwiriye ni politike nziza kandi itahurwa na bose, y’uguherekeza abanyagihugu; na cane cane batobato, mu ntumbero y’ukwiteza imbere.

 

Quitter la version mobile