Site icon LE JOURNAL.AFRICA

« Kunobera » : kimwe mu vyatumye abana barenga 10 000 bata ishure mu Rumonge

Haraheze imisi abegwa n’ikibazo c’indero mu ntara ya Rumonge bagiye hamwe kugira ngo barabe uko umwaka w’ ishure w’2017 ushira 2018 wagenze. Basanze abanyeshure barenga ibihumbi cumi ari bo bahevye amashure uwo mwaka. Ni ko kurondera kumenya impamvu.

Nkiri ku ntebe y’amashure matomato muri komine Rumonge, hari umugwi w’ abana twazindukana ku kiyaga Tanganyika, aho ubwato bushikira buzanye indagara baraye bararoba. Ico gihe, indagara zimwe twarazinobagura kuko zaba zatibukanye abarovyi, mu gihe baba bariko barazipakurura mu bwato. Bavyita « kunobera ». Rimwe rimwe mbere basamaye, twaranaziba kugira ngo turonke izitari nke.

Iruhande y’ ukunobera, twarakora igikorwa co kwanura indagara kuko zanikirwa ku musenyi. Abafise amayeri menshi, twarazinyegeza mu musenyi, kugira ngo turonke izitari nke. Twararonka nk’ isashe yuzuye ku musi. Izo zose twaca tuja kuzigurisha, gutyo tukiga dufise amahera.

Abavyeyi bamaze kubona ko bishobora kumbuza kwiga, baciye bandungika kwiga muri komine Buyengero, imwe mu makomine adakora ku kiyaga Tanganyika. Nagiye kuvayo nsigaye mfise umwete wo kwiga, maze naciye ntora ikibazo co mu mwaka wa gatandatu, nca mbandaniriza mu mashure y’indaro, gutyo mbandanya amashure.

Si ivya bose…

Bampamiyubusa Ernest, arangura umwuga wo gucuruza, yigana uko yavuye kw’ishure ritoya rya Rimbo, riri muri zone Mukungu, komine Nyanza-lac iri mu ntara Ya Makamba : « Nahevye ishure niga mu mwaka wa kane, nja muri ivyo vyo kwegeranya indagara. nahavuye nca mbandanya umwuga wo kudandaza. »
Ariko rero akabinegura ati : « Narahomvye cane kuko vyansavye ko niga ibijanye n’indimi nkuze, kandi bintwara uburyo bwinshi n’umwanya w’ibindi bikorwa.»

Ku bwa Juvenal Bigirimana, buramatari w’ intara ya Rumonge : « Umwana adataye amashure bitumwe n’ukunobera ku kiyaga Tanganyika aba asa n’uwucitse kw’icumu. »  

Kukaba nka ko, intara ya Rumonge igizwe n’amakomine atanu. Atatu muri iyo ari ku nkegera z’ikiyaga Tanganyika. Ni uko rero, mu gihe c’ukuroba, kuri izo nkengera z’ikiyaga, haribonekeza cane isinzi ry’abana. Abenshi baba bari muri vya bikorwa vy’ukunobera. Ku rundi ruhande, abisumbuye muri abo bana baba bariko barateka imfungurwa baheza bakagurisha kuri abo barovyi.

Buramatari Juvenal Bigirimana rero agasaba ko abavyeyi boshiramwo inguvu mu gukurikirana abana babo ku musi ku musi, bagafata n’ingingo zituma abana babandanya amashure yabo. Ku bwiwe, ngo hari aho umwana agera bikamuhindukana. Ariko iyo abavyeyi bafashe ingingo zituma abandanya amashure, umwana arabibashimira abonye aho yigejeje.

Quitter la version mobile