LE JOURNAL.AFRICA
Non classé

#KwandikwaMuriKaminuza : inzira y’umusaraba ?

Haheze amayinga yababa abiri abanyeshure barangije amashure yisumbuye batanguye ivyigwa vyabo vyo mu ma kaminuza, ku bashoboye kuronka ubwo burenganzira. Hagati y’umusi w’ukurangiza ishure ryisumbuye n’umusi w’uguhonyoza ikirenge mw’ishure kaminuza, urugendo ni rurerure. Kubera iki ? Bene kuharuhira bokworoherezwa gute ? Na nde ?

Hari impapuro zitandukanye abanyeshure bipfuza kwinjira kaminuza basabwa. Ntimwibaze ngo ziba zizimvye cane. Nka zose zisaba amafaranga 1000 rumwe rumwe.  Ariko, uravye ukuntu zingana n’ukuntu harimwo izicumukuza bene kuzirondera, utubazo ntitubura kuvyuka. Ubwinshi bwazo butuma uwuzirondera yikokora, akahamarira uburyo n’umwanya. Aho ntituvuze gucurumba, bagenda bagaruka.  

Uburuhe, ukwihebura, inzara n’inyota,… ni vyo biranga imirongo iba itonze imbere y’ibiro, vyaba ivy’ubushikiranganji bw’indero canke ubw’umutekano, barindiriye izo mpapuro. Muri abo batonze, hari ababa ari irya mbere baje kuzisaba, n’ababa baje kw’isango rigira kabiri, gatatu canke karenga… Ikigaragara, ni uko izo mpapuro zicumukuza abazirondera, kandi ata kundi bari bubigenze kuko bategerezwa kuzironka imbere yo kwandikwa. 

“Igihugu umuce”

Nk’uko tubisoma mw’itegeko ngenderwako rishasha rya kaminuza y’Uburundi, ingingo ya 16 irerekana urutonde rw’ibintu uwiyandikisha atagerezwa kwibangikanya: impapuro 11 zose hamw...   

Continuer la lecture de cet article sur YAGA BURUNDI

Verified by MonsterInsights