Igenekerezo rya 27 nyakanga, uko umwaka utashe, isi yose irahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe ubukerarugendo. Uwo musi ushitse ico gisata kikiri inyuma cane, mu Burundi, kandi cugarijwe n’ingorane zitandukanye. Ng’izi zimwe mu nyishu zotuma ico gisata cogorora.
Nk’uko tubikesha ikigo kijejwe ubukerarugendo mu Burundi, igisata c’ingenzi kiza ubwa kane mu vyinjiza amafaranga y’agaciro. Mu 2017, ico gisata cinjije amadolari angana imiriyoni cumi na zitandatu.
Ufatiye kuri iyo nyungu, Uburundi bufata ikibanza ca nyuma mw’ico gisata, ugereranije n’ibindi bihugu vyo muri kano karere. Muri uyo mwaka nyene, igisata c’ubukerarugendo muri Kenya na Tanzaniya cinjije kimwe cose umumiriyaridi urenga w’amadorari y’Abanyamerika, Ubuganda bwinjiza imiriyoni amajana umunani, Urwanda narwo imiriyoni amajana atatu na mirongo itanu.
Uravye uko ibindi bihugu biriko birakamisha ico gisata, ntiwobura kwibaza ico igihugu cacu kibuze, intambamyi zidutuma ico gisata kitazamuka kandi gitunze.