Site icon LE JOURNAL.AFRICA

#Ubukerarugendo: ng’iki icokorwa ngo ico gisata gitere imbere mu Burundi

Igenekerezo rya 27 nyakanga, uko umwaka utashe, isi yose irahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe ubukerarugendo. Uwo musi ushitse ico gisata kikiri inyuma cane, mu Burundi, kandi cugarijwe n’ingorane zitandukanye.  Ng’izi zimwe mu nyishu zotuma ico gisata cogorora.

Nk’uko tubikesha ikigo kijejwe ubukerarugendo mu Burundi, igisata c’ingenzi kiza ubwa kane mu vyinjiza amafaranga y’agaciro. Mu 2017, ico gisata cinjije amadolari angana imiriyoni cumi na zitandatu. 

Ufatiye kuri iyo nyungu, Uburundi bufata ikibanza ca nyuma mw’ico gisata, ugereranije n’ibindi bihugu vyo muri kano karere. Muri uyo mwaka nyene, igisata c’ubukerarugendo muri Kenya na Tanzaniya cinjije kimwe cose umumiriyaridi urenga w’amadorari y’Abanyamerika, Ubuganda bwinjiza imiriyoni amajana umunani, Urwanda narwo imiriyoni amajana atatu na mirongo itanu. 

Uravye uko ibindi bihugu biriko birakamisha ico gisata, ntiwobura kwibaza ico igihugu cacu kibuze, intambamyi zidutuma ico gisata kitazamuka kandi gitunze.  

Harimwo agahaze

Si agaseseshwarumuri, Uburundi burafise vyinshi bworatira ingenzi. Nk’uko bivugwa na Eduard Bagumako, icegera c’uwurongoye igisata c’uburaro n’ingenzi, ibibanza vy’iratiro dufise bigera kw’ijana na mirongo ibiri na bitandatu. 

Uwo murongozi akavuga ati: “N’aho ari vyinshi, ivyo bibanza vy’iratiro nta na kimwe gitunganijwe neza nk’uko vyategerezwa; uretse ko n’abajejwe gufasha ingenzi mw’ivyo bibanza ata bumenyi buhagije babifisemwo”.

N’ingenzi ntizoroherezwa iyo zikeneye kuza mu Burundi. Philip Kopf aturuka mu gihugu c’Ubuswise aheruka kugendera Uburundi; avuga ko bitamworoheye kuronka uruhusha rwo kuhinjira.

Mu gihe impusha z’ubukerarugendo mu bindi bihugu zitangirwa ku mbuga ngurukanabumenyi, canke ugishika ku kibuga c’indege, ingenzi zica zishima kuja aho vyoroshe. Uburundi bugahomba butyo. 

Ivyo vyose biri mu bibangamiye ubukerarugendo mu gihugu cacu. 

Twisubireko

Ukwitaho ico gisata vyofasha cane mu kwinjiza amafaranga y’agaciro. Ayo, ni yo yotuma ifaranga ry’Uburundi riduza agaciro, maze ibiciro ku masoko bikagabanuka. 

Ubwa mbere na mbere ho, amategeko yorohereza ingenzi yashizweho mu Burundi yoshirwa mu ngiro, maze uruhusha rusangi rw’ubukerarugendo mu bihugu vya Afurika y’Ubuseruko rukore ukuri kwamye. Ibibanza vy’iratiro ni bitunganywe neza, ku rugero rubereye kuratwa koko, hagwizwe amahoteri n’umuyagankuba mw’ivyo bibanza, amabarabara arorayo atunganywe neza. 

Ikindi cofasha kwoba ugutangira uruhusha rw’ubukerarugendo ku mbuga ngurukanabumenyi canke ku kibuga c’indege, ingenzi zikihashika; nk’uko ibindi bihugu bibikora.

Hamwe ivyo vyokorwa, twoca dutangura kubona ingenzi zinjiye mu gihugu ca Kenya zibandanya no mu Burundi ata ngorane ; iziza mu Rwanda canke mu Buganda zose, ntizogenda zitaje kurabe nk’ikiyaga Tanganyika n’ibindi. 

 

Quitter la version mobile