Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Uburundi muri #CAN2019: kurya kw’inka ikamwa ico yariye

Uburundi bwaraye bukuye meza mu mahiganwa y’igikombe ca Afurika kiriko kibera mu Misiri, ata n’inota na rimwe buronse. Birababaje. Ariko, ntibitangaje;  kuko bifise ico vyavuyeko.

Abantu bakurikiranye inkino Uburundi bwakinye muri aya mahiganwa y’igikombe ca Afurika (CAN), barabonye ko abakinyi b’Abarundi bazi umupira. Uravye ukuntu bavugutiye umuti igihugu ca Gabon, bakanikira Nijeriya, n’ukuntu ari ibihugu vyubashwe mu mupira w’amaguru, urabona ko abana b’Uburundi bafitiye ingabirano ikwiye umupira w’amaguru.

Ariko kandi, uravye ukuntu baguma batsindwa, bagatsindwa muri ya minuta nyene, kandi bobo batera batumbereza igori bikananirana kwinjiza, vyari bibabaje. Ariko rero, nk’uko Abarundi bayamaze ngo “nta kabura imvo”, ugutsindwa kw’Intamba mu Rugamba birafise ico vyavuyeko.  

Inka ikamwa ico yariye

Ntawobideha; agahembo gahabwa abakinyi b’imigwi ija mw’ihiganwa Primus League kari hasi cane, ugereranije no mu karere Uburundi burimwo. Mu 2017, umukinyi akina mu mugwi wo mu Rwanda yahembwa hafi 500 000 vy’amanyarwanda ku kwezi (arenga 1 500 000 w’amarundi). Muri Tanzaniya, uwo mwaka nyene, umugwi wahemba make watanga amadolari 500, mu Buganda agahembwa amadolari 400 ku kwezi. Muri Kenya, hoho abakinyi bahembwa hagati y’amadolari 1000 n’3000. 

Mu Burundi, iyo ubajije abakinyi ayo bahembwa bagira isoni zo kuyakubwira. Dido*, akina mu mugwi umwe wo ngaha i Bujumbura, arashima ko umugwi ubarihira aho babana n’abandi bakinyi ariko akemeza ko agahembo babaha ari intica ntikize, kuko usanga gaherera mu kugura impuzu, ibirato, n’utundi twa nkenerwa dutoduto.

Kugira abakinyi bashobore kwikenura, baca bagerageza kurondera ubundi buzi ku ruhande, bakisumamwo. Ubwo rero burabatwara umwanya ku buryo bataba bagikora imyimenyerezo ikwiye n’umwanya ukwiye. 

Ivyo biraheza bigatuma abakinyi b’abarundi bahitamwo kuja mu bindi bihugu kuko hoho baba babayeho neza kandi baronka agahembo gafadika.  N’abitanga bose usanga bakora kugira hagire imigwi yo hanze yobashima.

Birakwiye guhinduka

Kubona Uburundi bwarinjiye muri arya mahiganwa, ndabifata nk’igitangaza. Ariko ni ikimenyetso c’uko urwaruka rw’Uburundi rushoboye. Ico gisata coronka uburyo, bokora ibitangaza isinzi.

Abarundi barayamaze bati “uwushaka akeza aragahebera.” Tukaba dushaka kugira umugwi nserukiragihugu ukomeye, ushobora guhangana n’iyindi utagugumwa, nidukore igishoboka cose ngo haboneke imigambi iteza imbere ico gisata biboneka ko kitari kigoye kwogorora. 

Nayo ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi (FFB), rikwiye kwongereza uduhembo duhabwa imigwi yarushije iyindi mw’ihiganwa Primus League n’utundi turusho; kuko uharuye uburyo imigwi ikoresha umwaka wose w’inkino, biragaragara neza ko amafaranga baronka, n’iyo batwaye ikibanza ca mbere (ubu ageze ku miriyoni 25 z’amafaranga y’amarundi), ataco amarira uwuyatahukanye.

*: yahinduwe izina.

 

Quitter la version mobile