Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Kahise : mbe Abazungu ba mbere mu Burundi, baje bate ?

Mu gice ca kabiri c’ikinjana ca 19, Uburundi bwashwawe n’abanyamahanga baturutse i Buraya: ba mukerarugendo hamwe n’abashakashatsi. Umuhinga muri kahise, Emile Mworoha, aratubwira uko umuzo wabo wagenze, n’uko Abarundi babakiriye.

Abazungu ba mbere batanguye guhonyoza ikirenge mu Burundi ni Richard Burton na John Speke bashitse kuwa 14 ndamukiza 1858 baduganye Tanganyika bagera i Nyanza-Lac. Bari abasirikare b’Abongereza barungitswe n’uruganda rw’indondabihugu rw’i Londres baje kuraba isoko rya Nil

Binjiranye ibahari Indiyano, bashika muri Zanzibare, mu nyuma binjira muri Tanganyika bashikira ahitwa Ujiji mu 1858. Bahasanga abarabu bakora urudandazwa rw’abantu baja kugira abaja, n’amenyo y’inzovu. Abo ni bo batoyemwo abasemyi (ababasigurira indimi) kuko bumva kandi bakavuga indimi zivugwa muri ako gace.

Abakurikiye ni David Livingstone na Henry Stanley, umumenyeshamakuru  yakorera ikinyamakuru New York Harald, Bahuriye ahitwa Ujiji baca barazanana mu Burundi. Gushika ku ruzi Mugere aho n’ubu hari ibuye ryabitiriwe. Hari mu 1871.

Muti bagenzwa n’iki ?

Benshi bari baje gutembera, ngo babone isi; na canecane ko Afurika batari bayizi, kandi babona hari amashamba batari bamenyereye iwabo. Ariko, Stanley we yari yahawe igikorwa co kuza kurondera Pasitori David Livingstone, yatakariye muri Afurika y’Ubuseruko. 

Abandi bari baje kuhacumbika, bigisha idini. Mu mwaka w’1879-1881, abapatiri bera bashikiye mu Rumonge, n’aho ingabo z’abatware ba Mwezi, Bikari na Rumonge zitaborohereje.

Umupatiri yera umwe yahasize ubuzima, abazungu baca barata baromoka, baja gucumbika i Masunzu mu gihugu ca Repubulika iharanira Demokarasi ya Kongo.

Ubukoroni buratangura…

Mu 1892, inyuma y’inama y’i Berlin mu Budagi, ari na yo yashitse ku ngingo yo kugabanganya Afurika: uwitwa Oscar Bauman yaraje azunguruka Uburundi, kuva mu buseruko gushika mu burengero. 

Yinjiranye i Bweru, Muyinga, Kayanza amanuka n’i Makamba. Ashitse mu Kayanza, umutware w’umwezi yitwa Ntawurushira, umukwe wa Mwezi, yaje gutangira Bauman nawe afata inkoho aramurasa. Arasandaba, nawe akomeza urugendo.

Oscar Bauman yagenda aratanga amadaraporo y’Ubudagi n’amakete avuga ko Ubudagi bweguriwe Uburundi, aha abatware bose yabona. Ivyo vyasigura ko Uburundi bwamaze kugwa mu minwe y’abakoloni.

Kurya kw’uwinjira mw’isoko

Kubw’umuhinga Mworoha, abo bazungu ntibari bakeneye uruhusha na rumwe rwo kwinjira mu Burundi. Baza uko bashatse, bagasubira inyuma uko babigomvye; nta wabakurikirana. Bashitse ku kivuko ca Zanzibare, baca bafatwa mu mugongo n’ubuserukizi bwabo bwari buhasanzwe kuva mu 1833.

Mu nyuma, baca bakoma umurongo w’abazungu, abarabu b’abasemyi n’abandi bantu bavuye Ujiji na Bagamoyo,… batoranira ku nkengera z’ibahari Indiyano, baraza no mu Burundi ngo ba!

Abo batora ku nzira bari abamaze gukorana n’abanyamahanga n’imiburiburi nk’Abarabu canke ababa hafi y’ibisagara vy’abazungu. Babagirira akamaro kanini kuko benshi muri bo bari bazi Igiha, ururimi rushaka kumera nk’ikirundi, hamwe n’igiswahili.

Abo bazungu bose baza mu Burundi, baba babanje gutohoza neza ibiraba iyo bagiye. Nk’akarorero, Burton na Speke bari bazi ko Uburundi buganjwe n’Umwami Mwezi Gisabo, naho bashitse mu Burundi mwami Mwezi amaze imyaka 6 gusa ku ngoma.

Bari bazi neza ko uwo mwami ari intwari, inkerebutsi, ko ingabo ziwe zava mu mihingo yose y’igihugu, kandi ko vyari vyoroshe ko yumvise atewe, abatumako bakegerana, hama umwansi ntabacarukane. Ni ho baje bitwaje inkoho mu modokari zabo. Ariko baririnda gusotora abantu babonye. 

Abarundi bakibabona irya mbere, baratangajwe n’ivyo bintu vy’urukoba rwera. Ivyo birabonekera no mu mayagwa y’ikirundi, aho hari igisokozo kivuga kiti: “ Aho hepfo haciye ubutindi buhetse ubundi”, uwishura akavuga ngo : “Umuzungu kw’ipikipiki”. 

Umuntu azi ico ijambo “ubutindi” risigura mu kirundi, aca yumva ko Abarundi batabona abazungu nk’abantu, ahubwo vyari ibikoko, ibintu bitamenyerewe.

 

Quitter la version mobile