Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Padiri Ntabona mu Buyapani : « Icigwa nahakuye »

Bino bintu vyobera akarorero Abanyafurika (na canecane Abarundi), kuko natwe turafise ubutunzi bw’imicokama, mu vy’ukubaha kiremwa muntu ; naho nyene tuza tumaze kuvyonona. Ndasaba muntu wese usoma runo rwandiko ngo uzirikane cane zino ndangagaciro, « omotemashi » na « mottainai », zigize akarangamutima ka buri Muyapani wese. Ni intahe ya Padiri Diriyano Ntabona. 

Ndabahere ku nkuru y’urwo rugendo ? 

Nahezagiriwe amabanga y’Ubusaseredoti kw’igenekerezo rya 6 Nzero 1966. Ico gihe, twari kumwe n’abagenzi 64, bazananye mu mpande 4 z’isi. 

Umweranda Paulo VI, ari nawe yatwatiye uwo musi, yadutangiye inkuka y’imisa yakoze cane ku buzima bwanje. Muri iyo nkuka, kimwe mu vyo yadusavye ni uko twoba uruganda rw’ubumwe bw’ubuntu, tubiheshejwe n’ubutandukane bw’amamuko yacu.   

Kandi ivyo twarabigerageje. Twaciye duhitamwo kuza turahura buri myaka 5, tukaza turakuranya imigabane y’isi. Uno mwaka, Ubuyapani ni bwo bwaduhaye ubutumire.

Kabaye akaryo ko kugendera batatu muri abo bagenzi bacu ; ni bo badutumiye. Hari umwe aba i Nagasaki, aho ntitwashoboye kuhashika, kuko hari umuyaga w’igihuhusi watumye bidakunda ko tuhashika. Ivy’uwo muyaga ni ikindi kiyago, munkundire nzopfume ndabibabwira mu kindi gisomwa. Ariko ubu, reka ndabayagire kuri zino ndangagaciro 2 Abayapani bubakiyeko akarangamutima : « OMOTEMASHI » na « MOTTAINAI », hamwe n’icigwa ivyo vyampaye.

Insiguro

Ubwa mbere na mbere, Omotemashi ni indangagaciro ikomeye mu mico y’Abayapani. Iryo jambo risigura ibintu vyinshi ica rimwe, nk’uko ivyo biri nyubako shingiro z’umuco uw’ari wo wose. Irashimika cane ko ari ngombwa kwakira abantu, kubana neza, kwiyumvanamwo, ukwitaho abandi, eka ndetse n’akandi kantu kose kagize ubuzima bw’umuntu. Nkumbure, iyo ndangagaciro yoba ikomoka muri « Shintoïsme », idini kama ryo mu Buyapani ryaje imbere y’uko haza irindi rya « Bouddhisme ».  

Uko kwiyumvanamwo rero nk’uko nabibabwiye, ntibigarukira mu bantu gusa ; kurashika no ku bidukikije, kuko bihabwa agaciro nk’ibihezagiwe. Umuntu afatwa nk’ihwaniro ry’ibintu vyose, agategerezwa gufatwa nk’amata y’abashitsi. Ari co gituma rero bafise umwitwarariko udasanzwe ku bidukikije be n’isuku. Iryo riri ku rugero rudasanzwe mu gihugu. N’ibiduga binini binini usanga bisukuye mu Buyapani.

Nayo ku bijanye na « mottainai », bisigura ugutyorora, ukwirinda ikintu cose cotuma haba akaboze, haba mu bintu canke muri kamere. Iryo jambo mbere, ni n’icivugo kigamije ugukingira ibidukikije. Ivyo bikwega umwitwarariko wamaho w’isuku mu bibanza huriro nk’ahavurirwa abantu, na cane cane ibitaro. Biratuma kandi abantu bagira imico myiza kandi ishizweko agaciro cane. Ni vyinshi nahigiye. 

Icigwa nahakuye

Ivyo vyose vyohava bituma mwibaza ngo : noneho Ubuyapani ni co kibanza ciza co kwiberamwo. Yamara, muri kino gihe, ibintu vyose bifise amategeko abigenga adasanzwe. Nkumbure abo mu bihugu bibanyi vyaho barafise ubwo burenganzira. Ariko ku bandi, ukwirinda n’ugushimika ku mategeko ni ngombwa.

Nk’akarorero igihe nari i Kigali, ndoye gusaba uburenganzira bwo kwinjira mu Buyapani (Visa), vyabaye ngombwa ko uwuserukira ico gihugu abanza guhamagara uwari yantumiye. Gutyo, abona kumpa ubwo burenganzira, mu cubahiro ntangere ; ariko nyene abanje kumuhamagara. Izo ndangagaciro ntizasizwe inyuma.

Ivyigwa nahakuye, na cane cane kuri izo ndangagaciro zibiri, vyaratumye nongera kuba mushasha. Abayapani barashoboye guteza imbere imicokama, kandi ga ivyo bakabijanisha n’iterambere ry’ubuhinga bwa none ; mu gihe twebwe Abanyafurika (cane cane Abarundi), bisa nk’aho twahushije ako karyo, bidatewe n’uko izo ndangagaciro z’ubuntu tutazifise, ariko ko twaziciye hirya, tubaho uko bitabereye. Naho biri uko, nta wotakaza icizere, ukugira neza ntibita igihe.

 

Quitter la version mobile