LE JOURNAL.AFRICA
POLITIQUE

Ijambo rya Mwambutsa IV mu nama yatanguje umuryango w’Ubumwe bwa Afirika

Mw’ikoraniro ryahuje ibihugu vya Afirika mu ntumbero yo gutanguza umuryango w’ubumwe bwa Afirika mu kwezi kwa Rusama 1963, abaserukira ibihugu batandukanye barashikirije amajambo. Uburundi bwari bwaserukiwe n’umwami Mwambutsa Bangiricenge ; ng’iri ido n’ido ry’ijambo yashikirije. 

Muhanyi, Mwami w’abami ukaba n’umukuru w’igihugu, Ba nyenicubahiro bakuru b’ibihugu, namwe batumire bahire mwitavye rino koraniro ridasanzwe, 

Ni iteka ridasanzwe kuri jewe kubona mfashe ijambo kw’izina ry’Abarundi naje nserukira. Kuri uno musi uri hejuru, bene kazoza ka Afirika twakoraniye hamwe kugira twigire hamwe ibibazo dusangiye, bihanze ibihugu vyacu. 

Muti ivyo bibazo ni nyabaki? 

Vyinshi muri vyo, bikomoka ku kuntu isi itunganije uno musi. Si agaseseshwarumuri, uno musi, Afirika iri hasi ugereranije n’ayandi makungu. Ivyo ntibikwiye kuguma uko.

 Ni co gituma, muri rwa rugamba rwo kwibohora ngo twikure muri ako gasuzuguro, twakoraniye ngaha, ngo tumenye ido n’ido ry’umuzi w’ibituma Afirika iguma mu bibazo, maze twigire hamwe inzira zo kubirandurana n’imizi, mbere tunige n’ivyofasha kugira Afirika ishike kw’iterambere rirama.

Kimwe mu bituma Afirika idatera imbere, nta nkeka ko ari kubera ari ho icugurukira ibindi bihugu vy’isi. Kugeza mu kinjana ca cumi n’icenda, twovuga ko Afirika yari icugaye, mu gihe iyindi mihingo y’isi yo yariko iratera imbere mu buhinga n’ubumenyi. Nk’akarorero, umuzo w’amahinguriro ari wo nkingi y’iterambere ry’isi ya none watanguye mu mpera z’ikinjana ca cumi n’umunani, uhera mu Bwongereza, mu nyuma Ubufaransa buravyijukira, hakurikira Ubudagi, hama mu bihugu vyo mu burengero bwa Buraya, mu nyuma bibandaniriza muri Amerika ya ruguru bigizwe n’ubushakashatsi butandukanye bw’Abanyaburaya. 

Muti ico gihe Afirika yari hehe ? Yarangwa n’imigwi y’abantu yagiye iriyegeraniriza hamwe, maze bakagira ibihugu n’abami babiganza, bitunganijwe mu ngendo ya kera cane. Aha twovuga nk’ubwami bwa Etiyopiya, Ghana, Mali, Kongo n’ubundi bwinshi kandi bwamenyekanye cane. Ariko mu kinjana ca cumi n’umunani, ubwo bwami bwose bwarasanganguwe nk’uko twese tubizi ; kahise karabitwibutsa. 

Ubumenyi n’ubuhinga vy’Abanyafirika, imbere y’umuzo w’Abazungu, vyari bifitaniye isano ku mpande zitari nke. Akarorero ka hafi, ni umugenzo wo gufashanya mu miryango, hamwe n’ urukundo no kwitanaho dusanga mu mico y’imihingo itandukanye ya Afirika. Icigwa kidasanzwe cakozwe ku mibereho y’Abanyafirika cerekana ko hari ibintu vyinshi ibihugu vya Afirika bihuriyeko, ivyo bikagaragaza ko ubumwe bw’Abanyafirika atari ubwo mu migani, ahubwo nyabuna ari ikintu kihari kuva kera, gikwiriye kwisungwa mw’itunganywa ry’inzego mu bihugu vyacu no mw’ishingwa ry’uyu muryango. 

Intwaro y’abakoloni

Reka dutandukire intwaro y’abakoloni. Inyuma y’aho Afirika yugururiye imiryango abazungu ; igihe haza abasesankomoko  nka Stanley, Afirika yabaye mu ntwaro y’abakoloni, kandi, uko biri kwose, yaraduteje imbere. Ariko hageze igihe bigaragara ko benshi muri bo batagenzwa no guteza imbere no kwugurura amaso Afirika, ahubwo nyabuna bari baje gukorera uwabatumye bir...   

Continuer la lecture de cet article sur YAGA BURUNDI

Articles similaires

Afrique du Sud: à Johannesbourg, hommage à Desmond Tutu dans la cathédrale St Mary’s

RFI AFRIQUE

Le CNC reste dans le FCC et réaffirme sa loyauté à Pius Muabilu dans l’AA/A

OKAPI CONGO

Cas-info.ca : « État d’urgence, la Présidence réclame à Thambwe Mwamba des excuses pour avoir ‘’outragé’’ le Chef de l’ État » Revue de presse de mercredi 15 avril 2020.

OKAPI CONGO
Verified by MonsterInsights