Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Ijambo rya Mwambutsa IV mu nama yatanguje umuryango w’Ubumwe bwa Afirika

Mw’ikoraniro ryahuje ibihugu vya Afirika mu ntumbero yo gutanguza umuryango w’ubumwe bwa Afirika mu kwezi kwa Rusama 1963, abaserukira ibihugu batandukanye barashikirije amajambo. Uburundi bwari bwaserukiwe n’umwami Mwambutsa Bangiricenge ; ng’iri ido n’ido ry’ijambo yashikirije. 

Muhanyi, Mwami w’abami ukaba n’umukuru w’igihugu, Ba nyenicubahiro bakuru b’ibihugu, namwe batumire bahire mwitavye rino koraniro ridasanzwe, 

Ni iteka ridasanzwe kuri jewe kubona mfashe ijambo kw’izina ry’Abarundi naje nserukira. Kuri uno musi uri hejuru, bene kazoza ka Afirika twakoraniye hamwe kugira twigire hamwe ibibazo dusangiye, bihanze ibihugu vyacu. 

Muti ivyo bibazo ni nyabaki? 

Vyinshi muri vyo, bikomoka ku kuntu isi itunganije uno musi. Si agaseseshwarumuri, uno musi, Afirika iri hasi ugereranije n’ayandi makungu. Ivyo ntibikwiye kuguma uko.

 Ni co gituma, muri rwa rugamba rwo kwibohora ngo twikure muri ako gasuzuguro, twakoraniye ngaha, ngo tumenye ido n’ido ry’umuzi w’ibituma Afirika iguma mu bibazo, maze twigire hamwe inzira zo kubirandurana n’imizi, mbere tunige n’ivyofasha kugira Afirika ishike kw’iterambere rirama.

Kimwe mu bituma Afirika idatera imbere, nta nkeka ko ari kubera ari ho icugurukira ibindi bihugu vy’isi. Kugeza mu kinjana ca cumi n’icenda, twovuga ko Afirika yari icugaye, mu gihe iyindi mihingo y’isi yo yariko iratera imbere mu buhinga n’ubumenyi. Nk’akarorero, umuzo w’amahinguriro ari wo nkingi y’iterambere ry’isi ya none watanguye mu mpera z’ikinjana ca cumi n’umunani, uhera mu Bwongereza, mu nyuma Ubufaransa buravyijukira, hakurikira Ubudagi, hama mu bihugu vyo mu burengero bwa Buraya, mu nyuma bibandaniriza muri Amerika ya ruguru bigizwe n’ubushakashatsi butandukanye bw’Abanyaburaya. 

Muti ico gihe Afirika yari hehe ? Yarangwa n’imigwi y’abantu yagiye iriyegeraniriza hamwe, maze bakagira ibihugu n’abami babiganza, bitunganijwe mu ngendo ya kera cane. Aha twovuga nk’ubwami bwa Etiyopiya, Ghana, Mali, Kongo n’ubundi bwinshi kandi bwamenyekanye cane. Ariko mu kinjana ca cumi n’umunani, ubwo bwami bwose bwarasanganguwe nk’uko twese tubizi ; kahise karabitwibutsa. 

Ubumenyi n’ubuhinga vy’Abanyafirika, imbere y’umuzo w’Abazungu, vyari bifitaniye isano ku mpande zitari nke. Akarorero ka hafi, ni umugenzo wo gufashanya mu miryango, hamwe n’ urukundo no kwitanaho dusanga mu mico y’imihingo itandukanye ya Afirika. Icigwa kidasanzwe cakozwe ku mibereho y’Abanyafirika cerekana ko hari ibintu vyinshi ibihugu vya Afirika bihuriyeko, ivyo bikagaragaza ko ubumwe bw’Abanyafirika atari ubwo mu migani, ahubwo nyabuna ari ikintu kihari kuva kera, gikwiriye kwisungwa mw’itunganywa ry’inzego mu bihugu vyacu no mw’ishingwa ry’uyu muryango. 

Intwaro y’abakoloni

Reka dutandukire intwaro y’abakoloni. Inyuma y’aho Afirika yugururiye imiryango abazungu ; igihe haza abasesankomoko  nka Stanley, Afirika yabaye mu ntwaro y’abakoloni, kandi, uko biri kwose, yaraduteje imbere. Ariko hageze igihe bigaragara ko benshi muri bo batagenzwa no guteza imbere no kwugurura amaso Afirika, ahubwo nyabuna bari baje gukorera uwabatumye birengagiza ivyo Abanyafirika bakeneye vy’ukuri, ivyo na vyo ntawari kuvyihanganira. Kuva ico gihe, ubukoloni bwacitse inzitizi y’iterambere kuri Afirika.  Umunyafirika uno musi arafise inyota yo kumenya uburengero bwa Buraya, eka ndetse n’isi yose; n’aho hari benshi bakimubona nk’ikitazi nk’uko Abazungu bavyibaza. 

Ni co gituma, Umunyafirika wese ategerezwa kurwanya agacinyizo k’umunyamahanga, kaba ari ugucurwa bufuni na buhoro, ubucuti bushingiye ku gacinyizo, eka mbere n’ukwigarurirwa. Ni ahacu, kuva uyu musi, ho guhambarira uwo wese yogarukana ivyuyumviro vyo kuducura bufuni na buhoro, bigamije gusubiza inyuma ubwigenge bwa Afirika, ico yoza yitwaje cose. 

Kuki dutegerezwa kuvavanura n’intwaro y’Abakoloni ? Ni kubera ko intwaro y’Abakoloni ifasha abakoloni nyene, aho kwitaho ibibazo vy’abatwarwa. Vyongeye, igihe cose habaye ukutumvikana hagati y’umukoloni n’igihugu acura bufuni na buhoro, nk’uko vyama vyashitse ahatari hake, intureka zica zaduka, nk’ivyo twabonye muri Algeriya, aho igihugu cagandaye imyaka umunani yose; muri Kongo, aho kuva mu 1959, igihugu kiri mu ndyane kugeza n’uno musi, tutibagiye ibiri muri Angola: dufise Rhodeziya zibiri n’igihugu ca Afurika y’epfo, uburorero ni bwinshi cane.  Ibibangamiye iterambere rya Afirika twobishira mu migwi itatu: imbibe n’imenyeshantara, ibijanye n’ubukoloni, hamwe n’ivyakurikiye ubukoloni. 

Inyishu kuri ivyo bibazo

Mu gice ca kabiri c’ijambo twateguye, twipfuje gushikiriza inyishu kuri ivyo bibazo bihanze iterambere rya Afirika.  Ku vyerekeye ibihugu, imbibe n’imenyeshantara, twokwikeza cane ku ntambwe tugezeko mu kumenya ibigize umugabane wacu. Ico yari agamije cose, umukoloni yaritanze atiziganya ku buryo Afirika yose kuva mu buseruko gushika mu burengero, mu buraruko kugeza mu bumanuko, ata mutumba, ata shamba, ata mugezi, uruzi, ikiyaga canke umwonga utazwi kugeza uno musi. Afirika ntikiri ya si itazwi ( “Terra Incognita”). Ubu, Afirika iri ku gicapo ku buryo budasanzwe. Ubutaka ni bwo butaramenyekana neza, ariko navyo turizeye ko tuzovyumvikanako. 

Ntarandiriye, ikibazo catewe n’ubukoloni ntigihambaye cane ku banyafirika. Ata kwigira umuvugishwa, umuntu yokwemeza ko mu kanya gato cane, intwaro gikoloni izosanganguka, izimangane. Amakungu yose yarayiviriye hasi, isaba ko ihagarara. Ni vyo, hari ibibazo bigisigaye bikomoka kuri iyo ntwaro.  Ni vyinshi cane ariko, vyose biva kw’isoko rimwe rudende: ubukene bw’ibihugu vya Afirika butuma baguma bategeye amashi ibihugu bitunze bitanga imfashanyo.  Izo ni zo zituma haguma hatera imbere ivyo bihugu bitunze, nayo Afirika ikaguma izera i nze, ari naco gituma ataco badakora mu kuburizamwo ubumwe bwa Afirika bisunga rya jambo bagumye bakurikiza kuva kera ngo “bacanishemwo tubashe kubaganza”, “Devide et Impera”. Abansi bacu bipfuza kubona Afirika icagaguyemwo ubuce, kandi nta nkeka ko, Afirika itiyunze izoguma ikindirwako n’uwo ari we wese.

Ariko ivyo ntitwobishingirako ngo twiyamirize imfashanyo ziva mu makungu. Vyodutuma nyabuna kwama turikanuye.  Uburundi, ku ruhande rwabwo, bwakirana akanyamuneza imfashanyo zidatezemwo imitego yo kubanza kugira ico dukoze haba mu vya politike, ivya gisirikare, canke izidusaba gukurikira uwu canke uriya, canke kwakira inteko mvamakungu mu gihugu cacu. Uburundi buzokwakira imfashanyo zose ata kibi cihishije muri zo. 

Ni iyihe nsiguro twoha ubukene bwugarije Afirika? 

Reka duce irya n’ino iki kibazo mu bice bibiri: inyubakwa rusangi zifasha mu butunzi no mu mibano hamwe n’inyubako za karuhariwe z’iterambere. Dufatiye ku nyubakwa rusangi, ntawutabona ko ibihugu vya Afirika bikeneye uburyo bwo gutumatumanako hamwe n’inagurwa ry’amahinguriro n’ibindi.

Ugereranije inyubakwa rusangi z’ibihugu vya Afirika n’izo mu bindi bihugu nka Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’ubumwe bw’Abasoviyeti, biragaragara ko intambwe ikiri ndende kugira dushike ku rugero ivyo bihugu bigezeko. Ariko tugwije inguvu, muzokwibonera ivyamwa bizova muri iki gikorwa co kuja hamwe. Ku vyerekeye ubundi buzima bw’ibihugu vyacu, ingorane zihanze ibisata vy’indero n’inyigisho ni vyo biza imbere.  Hari kandi n’izindi ngorane z’intwaro, n’ubutungane bitegerezwa kunagurwa.

Mu nca make, umuryango w’ubumwe bwa Afirika utegerezwa kwisunga ukwikukira hamwe n’iterambere. Muri kino gihe, turacakeneye ubufasha buva ku bihugu biteye imbere kuturusha, kugeza igihe tuzoba twifitiye abavukagiguhu babizobereyemwo. Ibi bisaba inguvu zidasanzwe. Uno musi, biratahuritse ko Afirika igikeneye imfashanyo ziva mu bihugu biteye imbere. Bikumvikana ko kwikukira bisigura imigenderanire hagati y’ibihugu, vyaba ibikenye hagati yavyo canke n’ibitunze. Intahe yo kwikukira twaronse ishobora kutugirira akamaro kanini. Ni yo izotuma ibuhugu vya Afirika bitera imbere. Ari hamwe indogozi zavyo zoba iz’ijunja n’ijambo koko, zikaba inyankamugayo n’imvugakuri, zikaganira n’ibindi bihugu harimwo n’ivyahora biducura bufuni na buhoro, boganira ku rugero inyungu z’umwe umwe wese zokwubahirizwa, ata guhonyanga ubwigenge bw’ibihugu hamwe n’ukwikukira kwavyo.

Ng’ibi rero, ivyatumye tuba kumwe namwe muri rino koraniro ry’intibagirwa ryahuje abakuru b’ibihugu vyikukiye. Kabaye akaryo ko kumenya ivyiza vyo kugira Afirika yunze ubumwe, twongera twiga n’inzira zo kuyishikako, haba mu gisata ca politike, eka mbere no mu butunzi. Inzego zikenewe mw’ishingwa ry’Ubumwe bwa Afirika ntizizoteba gushingwa. Afirika izotezwa imbere n’iryo shirahamwe, maze itere imbere nk’uko bitigeze bibaho. 

PS: Iri jambo ryahinduwe mu Kirundi rivuye mu rurimi rw’icongereza, iryo naryo mushobora kurisanga hano.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?
Quitter la version mobile