Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Burundi : ng’iki icatituye ikiyago mu muryango

N’aho zidufasha kuronka amatangazo y’ubuzi, kuganira n’incuti n’abagenzi, gukorana urudandazwa n’abari kure yacu, kumenya amakuru, n’ibindi, izo terefone dutunze hari ikibi zatuzaniye…

Mu 2005, ibiharuro vy’abakoresha amaterefone ngendanwa mu Burundi vyagera ku bice 2% ; uno musi bigeze ku bice 54,74 %. Ivyo biharuro vyongerejwe n’uko ubu muri ayo materefone nyene tuhasanga za mbuga ngurukanabumenyi n’imbuga koraniro, bimwe mu vyoroheje itumatumanako, mu gihe ca none.

Ubu, isi yaracitse akantu gatoya ku buryo, kuganira n’umuntu yiyicariye i Ottawa urenganye uwo mwicaranye mu nzu, vyabaye nk’umugenzo mu bantu, dufashijwe n’izo terefone. Ubu, twa dukete twamara amezi n’amezi mu nzira twaribagiwe ; ico kibazo caratorewe inyishu.

Biraryoshe, birijukiwe, ariko bifise ingaruka mbi zitari nke mu mibano ndetse no mu mico y’ikirundi.

Ziratandukanya

Délicia* ni umuyabaga w’imyaka 17. Avuga ko bimubabaza cane iyo agiye kuraba umuntu akamuvugisha ntamwumve. Yatanze akarorero avuga ati : «  Umusi umwe, nagize ikibazo, nja kuciganira senge wanje nzi neza ko agitorera inyishu. Namusanze ari kw’iterefone, ndamubwira vyose yibereye mu vyiwe ; umenga ndiko ndivugana. Vyarambabaje cane.  »

Abidoga batyo ni indiri. Uno musi, mu miryango iwacu, usanga biteye isoni. Uhashitse umenga ni mu mwimuka kandi huzuye abantu mu vyumba, mu nzu, hanze,… ariko ugasanga agacerere kahari karenze urugero.   

Aho hambere ikiyago ca ha ziko cari gifise ikibanza kidasanzwe. Uno musi, cimukiye mu migwi ya “Whatsapp”, kenshi na kenshi kikaryoha kiri hagati y’abadasanganywe gusumvya ababana hamwe. 

Twarinjiranywe…

Izo terefone ziziziye abantu : abato n’abakuze ; mu mashure, ku buzi, mu mihana, eka mbere no mu mashuka, umuntu usanga akaryamanye. Zibatwara umwanya wose, ugasanga umuntu arabuze ico ahereza amaboko, kuko umwanya wose awuta kuri ayo materefone. 

Ikibazo nkunze kwibaza : ivyo ntibishobora kuba ari yo nkwezi y’amarere  y’inyifato zitabereye urwaruka rubandanya rwerekana ? Ntivyoba bitangaje kuko imbuto itewe ni yo imera. 

Uno musi, terefone yahindutse nka kimwe mu bihimba vy’umubiri w’umuntu. Utayifise umengo ntukwiye ; kumara akanya gatoya utaravye mw’iterefone vyahindutse nk’uko woba udahema neza, watakaye canke nyene ukumva utamerewe neza.  Umuntu aguma agavye ngo ntihagire ikintu comurengana. Ivyo bifise ingaruka mbi ku bantu, haba ku giti c’umwe wese canke mu kibano, eka mbere no mu kazi. 

Ikiyago mu muryango ni ntasubirizwa. Ntitwitwaze ko ibihe vyahaye ibindi hanyuma ngo dutakaze imico n’imigenzo ; dute akaranga. Umuryango wawe uragukeneye, ngo mube kumwe, munaganire ibiwubaka. Abana bawe barakeneye ikiyago cawe : impanuro, inama y’umuvyeyi, … 

Birababaje, iyo abantu baje kukuramutsa bakarinda basubira inyuma mutarabanye mu maso mwitwa ngo mwayaze. Tugerageze ibihinda ntibiduhindurire twosanga twaruguyemwo !

*: yahinduwe izina

Quitter la version mobile