Site icon LE JOURNAL.AFRICA

« Ng’uku uko bantwaje imbanyi bivuye ku mucanwa wa terefone »

Ibitigiri vy’abigeme bava ku ntebe y’ishure kubera batwaye imbanyi batipfuza ni vyinshi. Ikibabaje ni uko usanga benshi basama izo mbanyi bivuye ku tuntu tudafashe, ingaruka nazo zikaza ziremereye kurusha. Ndayisaba*, umwigeme aba mu gisagara ca Gitega, aratwiganira uko vyamugendeye.

Novuga ko nazize umuriro w’iterefone kubera aho naba ata matara yari ahari ; hanyuma terefone yanje nkama ndayiha umuporisi wo ku kirindiro cegereye aho iwacu ngo anshiriremwo umuriro, uko imisi itatu irangiye. Twagiye turamenyerana uko, bihava bizamwo imigenderanire miremire, simenye ko akari inyuma gahinda. 

Vyatanguye buhorobuhoro, nkamusaba kunshirira ku muriro terefone yanje, rimwe, kabiri, gatatu, … Mu nyuma, nawe atangura kurondera kumenya cane, iyo nturuka n’ivyo nkora mu buzima ; ahava aranansaba inomero z’iyo ngendanwa yanje, gutyo tuba dutanguye no kwandikiranira ubutumwa.

Kugeza ngaho nabona ko ari ibisanzwe, kugeza igihe anyandikira ansaba ko noja kumuramutsa aho aba. Nanje ndanka. Arangobera cane, kugeza aho mbona neza ko mbandanije ndavyanka, bishobora gutosekaza imigenderanire dufitaniye, ari na yo nakamishamwo wa muriro w’iterefone yanje. Ntangura kuzazanirwa, nti mbega nitwagira ico dupfa, nzosubira kumugora ngo aje kunshirira ngendanwa ku muriro ? Canke hoho nzokura he amahera amajana abiri (200Fbu) ya buri misi itatu yo kuriha umucanwa wayo ? Mbona kugondozwa, ndemera kuja kumuramutsa.

Indyankudye…

Uwo musi nyene nja kumuramutsa, twaraganiriye akanya katari gato, arateba atangura kunkorakora. Ndiyumvira kumwishitura, ariko ndatinya ko yohava ashavura, bigahereza gutosekaza ya migenderanire nashaka gukiza ; bitayeko, yaranandusha n’inguvu. Uretse ivyo, umubiri ntiwagira n’ibanga, narahavuye nja narwo, ndemera arakora ivyo yifuza ; kaba karabaye !

Haciye amezi hafi abiri, mbona ibimenyetso vy’umuntu yasamye bitanguye kungaragarako. Bidatevye, ibimenyetso nko guciragura urute kubw’iseseme ridahera, kuyorwa, guhura canke gutwaririza  indya zimwezimwe bitangura kuza. Mbona kumenya ko nasamye urya musi. Amaganya yuzura inda, ndabura iyo nkwirwa, ntangura kwiyumvira ibigiye gukurikira.

Ingorane ku yindi

Bimaze kumenyekana ko nibungenze, ingorane zabaye zitanguye kuva irya n’ino. Kw’ishure bati : « Taha iwanyu ! » I muhira nabo bati : « Menya iyo ujana, utware utamena ! » Ngize ngo niganire wa mupolisi nyene kuntwaza ya nda ibiriko biranshikira, yiva inyuma ati : « Mva mu matwi ! Ahubwo wihende unabishire ahabona ko ari iy’iwanje, urwawe ruzoba rugeze » ; ndabura iyo nkwirwa.

Bigira n’ikirikora, sinari narigeze mbaza uwo mupolisi ivy’ubuzima bwiwe imbere y’uko ivyo bimbako, kuko nahavuye nsanga yari afise umugore n’abana. Kandi rero, itegeko ry’umukuru w’igihugu ribuza kurongora abagore barenga umwe ryaheruka gusohoka ; ivy’uko uwo mupolisi yontwara ngo mbe umugore wiwe bica biba ibiri kure nk’ukwezi.

Kimwe gusa, yaremeye kwiyandikako uwo mwana, ariko nanje iterambere ry’ubuzima bwanje riba rihagarariye ngaho, kuko no muhira nta kintu na kimwe barushe ngo bemere gusubira kumfasha. Amashure mba ndasezeye, nyene imbanyi ntiyasubira kunyitaho, ikibano gitangura kunyinuba, mbura ayo ncira n’ayo mira, mbaho nifumbereje muri ako kangaratete.

*  yahinduwe izina.

 

Quitter la version mobile