Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Umukobwa akoroye inda ntiyategerezwa kuvyishura wenyene

Inyuma y’umwigeme aheruka kwica uwo yari ahejeje kwibaruka, bikamuviramwo umunyororo w’ubuzima bwiwe bwose, vyanteye kwibaza muri rusangi icotuma umwigeme yiyumvira gufata ingingo igumye nk’iyo. Nasanze hari imigwi itatu y’abantu bashobora kubigiramwo uruhara. Umwihwezo.

Ku wumaze guhonja ku gise c’imbanyi, gufata ingingo yo kwikora mu nda si ikintu coroshe. Ngo « inda woyibwigwa n’uwayirayeko ». 

Urya mwigeme, benshi baramuciriye urubanza, n’intahe iramwokera. Ariko, ni bake bibutse kwibaza icoba carabimuteye. Kuko kugira ivyo bimushikire, n’icabiteye, gitegerezwa kuba ari ikidasanzwe. Sokuru ati : « Nta kabura imvo ». 

Umuhungu yayimuteye

Hari abahungu bakorana imibonano mpuzabitsina n’abo bita ko bakundanye, bishakira akaryoheramubiri gusa. Iyo hatabayemwo ukwikingira, imbanyi itipfujwe ntiteba kwitamwo. Aho rero niho abahungu bakunda kugokera. Umwigeme akira kubabwira ko yibungenze, bagatangura kwihakana imbanyi, bamwe bagahunga batinya gushengezwa iyo umwigeme akiri umuyabaga, abandi bakiyumvira uko boja inama iyo mbanyi igakororwa.

Ubwo none, iyo nyifato ya mwe n’abo bahungu ntiri mu bikomeretsa imitima myinshi y’abigeme, bigatuma bumva biyanse, ibibazo vy’ukuntu batereranywe uko bazorera uyo mwana bikabarenga, gutyo ugasanga barakoze n’ivyo batokora ?

Abavyeyi b’umukobwa

Mu miryango yacu, umwigeme bishitse agatwara imbanyi atipfuza, ntiyoroherwa. Iyo atangajwe canke ngo aturubikwe, mu muryango ntaba agifatwa nk’umwana wo mu nzu. Kukaba nkakwo, amajambo akunze gukoreshwa muri ico gihe ni «inda z’indaro », « ishushu », « ibitwarire »,… Ayo yose akaba asubiza hasi uwo mwigeme vyashikiye. Ivyo navyo biri mu bibakomeretsa. 

Guturubika uwo vyashikiye, haba mu mvugo, mu bikorwa canke ico cose comubabariza umutima canke umubiri, ntaho bitandukaniye na wa mugenzo wa kera wo kubata mu gisumanyenzi. Aho niho kenshi usanga umwigeme yihebuye, akaburanirwa, akabura uwo atura uwo mubabaro n’ibirake, maze bikaza kurangira yumva yanse ikimurimwo ; iyo nda mu nda yiwe.

Ikibano

N’aho gushikirwa n’imbanyi itipfujwe atawe binezera, inyifato yacu nk’ikibano irasonga cane abo vyashikiye. Baba bakomeretse bihagije, ariko ugasanga turiko twagura igikomere baba bafise. Naho benshi mu kibano babikora bibaza ko bariko batuma abandi bitarashikira batinya, biribonekeza ko atari vyo.

Mu kiganiro ku mboneshakure y’Abafaransa France 24, Pamella Mubeza arongoye ishirahamwe ry’abakenyezi bibarukiye iwabo avuga ati : « Abo bakenyezi basa n’abishwe mu kibano. Baritwa abamaraya, ikibano kikabaremera, bagacirwa umukenke, ku buryo batakaza icizere ku buzima bwabo ». 

Ukwiyumvira ubwo buzima bagiye kubamwo mu kibano, navyo nyene biri mu bituma abo bigeme biyumvira ivyiyumviro vyinshi bibi. 

Sokuru ati : « Aho utateye isuka ntukahatere intemere » ; ubwo benshi muri bashiki bacu ntibabirwamwo kubw’ukutamenya ? Ko nziga ukuvuga ku buzima ndorabitsina bifatwa nk’uguta ibanga mu mico ndundi ; tube turaretse abotegerejwe kuvyigisha urwaruka ; abavyeyi canke Reta muri rusangi.

 

Quitter la version mobile