Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Ng’uku uko nakize amabi dukorerwa mu vyumba vy’amasengesho

Kuwa 19 Nzero 2019, mu ntara ya Gitega, Yaga yaratunganije ikiyago ku bijanye n’igwirirana ry’ivyumba vy’amasengesho n’ingaruka rifise mu Burundi. Umwigeme umwe mu bitavye ico kiyago yahavuye afashe ingingo yo guheba icumba yahora ajamwo. Aratwiganira ibiberayo.

Icumba c’amasengesho nabayemwo catanguye mu mwaka w’2016, gitangujwe n’umuntu yiyita umulewi; uwo  yibera mu bigo vy’ishure ryisumbuye ry’ubuhinga n’utugenegene (ETP) kandi atari umunyeshure. Mu ntango, yaje muhira kudusaba inzu yo gupanga, tuyimuha be n’abo basangiye umugambi, twibaza ko ari abanyeshure. Bidatevye, baciye bayihindura icumba c’amasengesho c’abiyita “Abalewi”.

Hagati muri uwo mwaka w’2016 nyene, narinjiye.

Ayo nahabonye…

Gushika n’ubu sindatahura ibidushikira, kuko usanga twitaho ivyo vyumba  kuruta uko twitaho imiryango yacu. Icumba cose kirafise amategeko. Ico nari ndimwo ndi umukuru, twakorana n’abiyita Abalewi; abo bibera aho nyene, nta kindi gikorwa bakora. Bafungura ivyagemuwe n’abasenzi.

Umuntu ahawe iryo banga aca akurwa mu muryango. No kwiga ntiyiga kuko ntivyemerwa ko agira ikindi kintu akoze. Bamurungika gukorera mu karere atavukamwo. Ntatunganya ivya kazoza kiwe kuko atigera aja mu runganwe rwiwe. Ntaronka indero ya ha ziko. Umwigeme agizwe umulewikazi agira ingorane nyinshi, harimwo ko atokwitorera uwo bubakana, n’ibindi.

Igihe nabona abalewikazi batwaye inda, naciye ntangura kugira amakenga. Uravye ibitungwa canke amafaranga bishikanirwa uwurongoye ivyo vyumba, uca ubona neza ko babitanguza kubw’inyungu, bigahomvya benshi ariko bitungishije bake. Abakenyezi benshi  b’abalewikazi barahukana canke ugasanga baragabuye inzu n’abanega babo. Ntibaba bagifise umwanya wo kwitaho ingo zabo. Hari n’abaza gushikana itunga ry’umuryango batabivuganye n’abo bubakanye. Bica bizana ingorane.

Ingene narusimvye…

Maze kwumviriza birya vyavuzwe muri ca kiyago, nasanze duhendwa cane. Nahavuye nirimbura, ndaheza ndabivamwo. Ubu ndiko ndiyumvira ishengero nzoca nimukiramwo.

Akamo ntera abavyeyi, ni uko badakwiye kwemerera abana babo kuja muri ivyo vyumba kuko ibiberayo ntaco bibafasha na mba. Leta nayo ikwiye guha uruhusha abajejwe intwaro bo ku mitumba n’amakaratiye rwo gutuza ivyo vyumba kuko biragisibije.

Igitangaje, bigwiriyemwo abakenyezi n’abigeme, kandi uwo vyanyuze usanga atitaho ivya kazoza. Hari uwo nzi akubitira umugabo wiwe mu kabare, amuziza ko batajana mu cumba c’amasengesho. Mpanura ko ivyo tugira vyose twoshiramwo ubwenge, ngashimira Yaga yoyo yatunganije kirya kiyago kuko camfashije gufata ingingo.

 

Quitter la version mobile