Kuwa 19 Nzero 2019, mu ntara ya Gitega, Yaga yaratunganije ikiyago ku bijanye n’igwirirana ry’ivyumba vy’amasengesho n’ingaruka rifise mu Burundi. Umwigeme umwe mu bitavye ico kiyago yahavuye afashe ingingo yo guheba icumba yahora ajamwo. Aratwiganira ibiberayo.
Icumba c’amasengesho nabayemwo catanguye mu mwaka w’2016, gitangujwe n’umuntu yiyita umulewi; uwo yibera mu bigo vy’ishure ryisumbuye ry’ubuhinga n’utugenegene (ETP) kandi atari umunyeshure. Mu ntango, yaje muhira kudusaba inzu yo gupanga, tuyimuha be n’abo basangiye umugambi, twibaza ko ari abanyeshure. Bidatevye, baciye bayihindura icumba c’amasengesho c’abiyita “Abalewi”.
Hagati muri uwo mwaka w’2016 nyene, narinjiye.
Ayo nahabonye…
Gushika n’ubu sindatahura ibidushikira, kuko usanga twitaho ivyo vyumba kuruta uko twitaho imiryango yacu. Icumba cose kirafise amategeko. Ico nari ndimwo ...