LE JOURNAL.AFRICA
SANTE

Covid-19 : impanuro 8 zobafasha gukingira abana banyu mu kubaganiriza kuri ico kiza

Abatari bake bamaze kurengerwa n’ivyo twumva hirya no hino bivugwa ku kiza ca Coronavirus (Covid-19). Ntibitangaje ko ivyo abavyeyi bibaza, n’abana babo bitabasiga uko vyabasanze. Ikibabaje rero, ni uko bigora cane abakiri bato kwitondera inkuru ziva irya n’ino ku mboneshakure n’imbuga ngurukanabumenyi zivuga ico kiza na rirya bisanzwe bizwi ko bakarirwa n’ishavu, umubabaro n’imyitwarariko. Niho rero baba bakeneye uwubafasha kubatahuza uko bakwiye kwifata mu bihe nk’ibi. Izi mpanuro zikaba zatanzwe na UNICEF.

1. Babaze ibibazo vyumvikana hanyuma mwumvirize inyishu batanga

Na ntaryo, banza mutumirire abana banyu kuvugana kuri ico kiza, mwumvirize ubumenyi bafise kuri co. Akaba akiri muto cane ata na kimwe azi kuri ico kiza, ntibikenewe ko mumuyagira ibicerekeye. Mwigishe nyabuna gukurikiza amabwirizwa y’isuku igihe cose mubonye akaryo, ariko mutabateye ubwoba. Mu gutanguza ikiyago n’abana, mushobora kubicisha mu dukorwa nk’ugucapa canke mukabacira imigani.

Muzire umuziro ntimuhirahire ngo mwirengagize ibibazo bababaza canke ngo mubisuzugure. Bereke ko mubatahura kuba bagira ubwoba bw’ iyo ndwara, ko ari ibisanzwe kwumva ubwoba mu bihe nk’ibi. Bereke ko mubitayeho kandi ko mubaha umwanya mu kubumviriza iyo bafise akababakiye, mubahumurize ko ari vyiza ko bababwira akababakiye umwanya wose bipfuza. 

2. Mubabwize ukuri : mubasigurire vyose mu buryo buhuye n’imyaka yabo

Kuba abakiri bato bafise uburenganzira bwo kuronka amakuru ku biriko biraba kw’isi, abakuze bategerezwa kubafasha mu kubakingira gutuntuzwa n’ayo makuru aca ivutu. Mukoreshe amajambo ahuriranye n’imyaka yabo, mwihweze neza inyifato bagira muriko murabibabwira. 

Nimba mutaronkeye inyishu ibibazo vyabo, ntimurementanye ibitari vyo. Kababere akaryo nyabuna ko gutorera inyishu hamwe. Imbuga ngurukanabumenyi z’amashirahamwe mpuzamakungu  nka Unicef na OMS ni inkomoko z’amakuru atohojwe neza kandi yo kwizera. Mubumvishe ko hari amakuru y’ibinyoma aguma atembera ku mbuga zitandukanye, ko ari vyiza kwizera abahinga.

3. Basigurire ingene bokwirinda bagakingira n’abagenzi babo

Inzira yo kurinda abana banyu ikiza koronavirisi n’izin...   

Continuer la lecture de cet article sur YAGA BURUNDI

Articles similaires

Lutte contre Ebola en RDC: les écoliers de Beni passent enfin l’examen national

RFI AFRIQUE

Covid-19: au Tchad les artistes montent au créneau contre le confinement

RFI AFRIQUE

Covid-19: l’Afrique du Sud s’apprête à lancer sa campagne de vaccination

RFI AFRIQUE
Verified by MonsterInsights