LE JOURNAL.AFRICA
SOCIETE

Kaminuza : gutwara 1000 umunyeshure, ni nko gutwara umuliyoni umugwizatunga

Mu mwaka w’2017, twarababwiye ubuzima umunyeshure abayemwo mu bigo vya kaminuza y’Uburundi, ku gafashanyo k’9000 gusa vy’amafaranga y’amarundi. Ku wuba atararonka uburaro muri ivyo bigo, aronswa agafashanyo k’30 000. Ubu rero ayo mahera yagabanutse. Inkurikizi. 

Kuva muri Myandagaro uwu mwaka, ubuyozi bw’amaposita bwarafashe ingingo yo kuduza amahera yahora akatwa kuri konte y’umunyeshure wese wa kaminuza, aronkera agafashanyo kiwe ngaho. Yagiye ku 2 500 yahora ku 1 500. Bene kudugirizwako, dusanzwe turi mu buzima butoroshe; iyo ngingo ije isongera isibe. 

Kaminuza y’Uburundi isanzwe ari yo yonyene mu makaminuza y’aha mu gihugu cacu itanga agafashanyo ku banyeshure. Ifise abanyeshure bababa 15 000. Tugabuye mu mice ibiri: abaronka agafashanyo ka buri kwezi, n’abaronka ingurane iza ku mezi atatu. Muri vyo 15 000, kaminuza ishobora gufungurira no kuraza abatarenga 3 000 gusa; abandi babeshwaho n’ako gafashanyo. 

Continuer la lecture de cet article sur YAGA BURUNDI

Articles similaires

Mali: les chrétiens fêtent Noël malgré les restrictions dues au Covid-19

RFI AFRIQUE

RDC: les agents du ministère du Commerce extérieur réclament leurs primes

RFI AFRIQUE

Élections 2020: les journalistes appelés à respecter les textes et lois les régissant

RTNB BURUNDI
Verified by MonsterInsights