Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Kaminuza : gutwara 1000 umunyeshure, ni nko gutwara umuliyoni umugwizatunga

Mu mwaka w’2017, twarababwiye ubuzima umunyeshure abayemwo mu bigo vya kaminuza y’Uburundi, ku gafashanyo k’9000 gusa vy’amafaranga y’amarundi. Ku wuba atararonka uburaro muri ivyo bigo, aronswa agafashanyo k’30 000. Ubu rero ayo mahera yagabanutse. Inkurikizi. 

Kuva muri Myandagaro uwu mwaka, ubuyozi bw’amaposita bwarafashe ingingo yo kuduza amahera yahora akatwa kuri konte y’umunyeshure wese wa kaminuza, aronkera agafashanyo kiwe ngaho. Yagiye ku 2 500 yahora ku 1 500. Bene kudugirizwako, dusanzwe turi mu buzima butoroshe; iyo ngingo ije isongera isibe. 

Kaminuza y’Uburundi isanzwe ari yo yonyene mu makaminuza y’aha mu gihugu cacu itanga agafashanyo ku banyeshure. Ifise abanyeshure bababa 15 000. Tugabuye mu mice ibiri: abaronka agafashanyo ka buri kwezi, n’abaronka ingurane iza ku mezi atatu. Muri vyo 15 000, kaminuza ishobora gufungurira no kuraza abatarenga 3 000 gusa; abandi babeshwaho n’ako gafashanyo. 

N’aho ari gato, amafaranga 30 000 vy’amarundi (hafi  amadolari 15), ako gafashanyo gafise akamaro kanini mu buzima bwa bene kukaronswa. Hari benshi bava mu miryango ibayabaye, idashobora kubabeshaho muri kino gisagara.

Kuba Posita rero yafashe ingingo yo kuduza amafaranga isigarana kuri konte ya buri munyeshure, ni ibintu bitatunezereye na gato, kuko hari ivyo tutazoshobora kwikenuramwo, na rirya vyari bisanzwe ari uguhedahenda. 

Ako gafashanyo gakoreshwa gute? 

Mu buto bwako, karadutunga. Karadufasha kuriha inzu, amatara n’amazi, ibifungurwa, tutibagiye impapuro, agakaramu n’utundi twa nkenerwa dutuma ivyigwa bigenda neza. 

Akarorero: Edymon Baranyanka na bagenziwe, basanzwe bapanze inzu y’icumba kimwe, ahitwa ku Mugoboka.  Agira ati: “muri ayo 30 000, turaja hamwe turi nka batandatu, tugapanga inzu imwe, umwe wese akariha 5 000 ku kwezi. Maze ayasigaye tukayakoresha mu kuronka utwa nkenerwa tuba dusigaye.”

Noneho rero ubu, ayo mahera asigaye yababa 25 000 gusa. Ku 30 000 twahora turonswa, ubu posita irabanza igakurako 2500 ku kwezi, vy’uburenganzira bw’ukugira ikonte ku munyeshure. Iyo bishitse naho nyene ikonte akaja gusaba ka gapapuro dukoresha mu kubikura udufaranga, posita ica ikurako ibindi 3000, mu gihe yahora ikurako 700 gusa. 

Akamo

Mu rwandiko yashize ahabona kuwa 5 nyakanga 2019, uwuserukira abanyeshure yaduhumuriza adusaba gutekana, ngo ikibazo kibandanya cigwa. Be n’uwusanzwe ajejwe gukurikirana uko ako gafashanyo gatangwa, baheruka kwandikira umuyobozi wa kaminuza, bamusaba gufata ico kibazo mu minwe, ubwiwe. Ariko kugeza n’ubu, nta nyishu iraboneka. 

Ico kumenya, ni uko ingingo yose iza igabanya ako gafashanyo idashobora kworohereza na gato abanyeshure.  Kanatsinda, ivyo vyotuma banyeshure twiga umutima ytari hamwe, kuko twibaza ikiri butubesheho, noneho ubumenyi bukarushirizaho gusubira inyuma.

 

Quitter la version mobile