Kuwa 10 kigarama 2019, niho ku mbuga ngurukanabumenyi haboneka amasanamu y’umuntu agira gatatu yiyanditse ku mubiri izina ry’umuririmvyikazi Natacha Ngendabanka. Abandi babikoze mu ntango z’uyu mwaka hamwe n’ejo bundi mu kwezi kwa Nyakanga. None ivyo boba babitumwa n’iki ? Ababikoze boba babonwa bate mu kibano ?
« Natacha La boss », ni rimwe mu mazina yanditse ku kuboko kwa Juma* mu ndome nininini zirabura. Ayandi agaragara ni Alfredo Frojo, amazina y’umushingantahe w’uyo muririmvyikazi hamwe na Raphael Nyandwi, uwusanzwe amufasha mu bijanye n’ugutunganya ibikorwa vyiwe, « manager » mu Congereza.
Imbere ya Juma, hari hamaze kwibonekeza ku ncuro zishika zibiri mu kwezi kwa Nzero be n’ukwa Nyakanga abantu biyandika ku mibiri izina rya Natacha akunda kwitazira cane amatazirano atandukanye.
Ivyo vyateye ibibazo bitari bike, abantu bibaza igituma abantu bemera kwikomeretsa kugira biyandikeko izina ry’uwo muririmvyikazi.
Icatumye babikora
Uwatanguriye bose kwiyandikako yitwa Eloi Tshabalala. Mu kiganiro uwo musore yatanze kw’iradiyo Buja FM, yamenyesheje abamenyeshamakuru n’abariko barakurikira ico kiganiro ko afitiye urukundo rudasanzwe uwo muririmvyikazi, a...