LE JOURNAL.AFRICA
SOCIETE

Ugutandukanya imvyaro : amadini nashiremwo inguvu

Ubu Abarundi bashika imiriyoni 12. Ikigo kijejwe gutororokanya ibiharuro y’ubuzima bw’igihugu mu Burundi (ISTEEBU) kimenyesha ko gushika mu 2050 ivyo bitigiri bishobora kuba vyaragwijwe na kabiri. Bamwe mu banyamadini baremeza ko abayoboke bayo bovyara abo bashobora kurera; naho nyene inyigisho batanga zitandukanye. 

Abakatorika, abisiramu n’abapoloti bamwebamwe, ntiberekwa uburyo butangwa kwa muganga. Bashira imbere uburyo kama. Patiri Pierre Nsengiyumva ajejwe ubutumwa bw’ingo n’imiryango muri Diyoseze nkuru katorika ya Bujumbura ati: “Imana yategekanije ko igihe cose habaye ukurangura amabanga y’abubatse, haca haba ibintu bibiri: kuba umubiri umwe no kurondoka. Iyo umuntu akoresheje uburyo atari kavukire, bisa naho aba agize ati: nshaka akaryoheramubiri, mugabo Imana iba yirukanywe mu vyayo yiremeye’’

El Hadj Haruna Nkunduwiga, umwisiramu, nawe ati: ‘’gushira imbere uburyo kama, kuko birya bintu babaha kwa muganga ntituvyizeye, kandi birashika bigatera ingaruka mbi ku magara y’abantu, eka ntibinakinga ijana kw’ijana.’’ 

Mu baporoti naho, Pasitori Elie Ndikumana arongoye ishirahamwe ‘’ Inzamba y’ ikanguro’’ rihurikiyemwo indongozi z’amashengero zaciye ku ntebe y’ishure,  ku bwiwe ukuvyara abo umuntu ashoboye kurera, ni ikintu cari gikwiye kwitabwaho mu mashengero. Yamara ayo na yo ngo arigenga mu ...   

Continuer la lecture de cet article sur YAGA BURUNDI

Articles similaires

Ethiopie : les habitants de Tuhuli, dans le Tigré, racontent l’enfer

RFI AFRIQUE

Burundi : La loi est dure mais c’est la loi

LE JOURNAL.AFRICA

Certaines églises dans le viseur de la loi burundaise (vidéo)

RTNB BURUNDI
Verified by MonsterInsights