Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Ugutandukanya imvyaro : amadini nashiremwo inguvu

Ubu Abarundi bashika imiriyoni 12. Ikigo kijejwe gutororokanya ibiharuro y’ubuzima bw’igihugu mu Burundi (ISTEEBU) kimenyesha ko gushika mu 2050 ivyo bitigiri bishobora kuba vyaragwijwe na kabiri. Bamwe mu banyamadini baremeza ko abayoboke bayo bovyara abo bashobora kurera; naho nyene inyigisho batanga zitandukanye. 

Abakatorika, abisiramu n’abapoloti bamwebamwe, ntiberekwa uburyo butangwa kwa muganga. Bashira imbere uburyo kama. Patiri Pierre Nsengiyumva ajejwe ubutumwa bw’ingo n’imiryango muri Diyoseze nkuru katorika ya Bujumbura ati: “Imana yategekanije ko igihe cose habaye ukurangura amabanga y’abubatse, haca haba ibintu bibiri: kuba umubiri umwe no kurondoka. Iyo umuntu akoresheje uburyo atari kavukire, bisa naho aba agize ati: nshaka akaryoheramubiri, mugabo Imana iba yirukanywe mu vyayo yiremeye’’

El Hadj Haruna Nkunduwiga, umwisiramu, nawe ati: ‘’gushira imbere uburyo kama, kuko birya bintu babaha kwa muganga ntituvyizeye, kandi birashika bigatera ingaruka mbi ku magara y’abantu, eka ntibinakinga ijana kw’ijana.’’ 

Mu baporoti naho, Pasitori Elie Ndikumana arongoye ishirahamwe ‘’ Inzamba y’ ikanguro’’ rihurikiyemwo indongozi z’amashengero zaciye ku ntebe y’ishure,  ku bwiwe ukuvyara abo umuntu ashoboye kurera, ni ikintu cari gikwiye kwitabwaho mu mashengero. Yamara ayo na yo ngo arigenga mu nyigisho aha abakirisu bayo. Yaraduhishutse ati: “Hariho abavyitaho n’ abandi ataco bibabwiye.’’

Mbe  uburyo kavukire buvugwa ni  ubuhe?

El Hadj Haruna Nkunduwiga amenyesha ko bigisha abo barongoye kwonsa umwana igihe kirekire, guharura ibiringo vy’ukwezi vy’umukenyezi uhereye umusi wa mbere agiriyeko mu kwezi, abubakanye bakirinda kurangura amabanga y’abubatse kuko ni muri ico gihe umukenyezi asama, barahimiriza n’abagabo gusesa intanga zabo hasi muri ico gihe. Kuri ico, Nkunduwiga aratanga umuco ati : « Naho hariho abibaza ko gusesa hasi intanga ari ukwica umuntu, intanga zidashikiriye urubuto rw’umukenyezi ntiziba ziraba umwana.’’

Muri Katorika na ho, Patiri Pierre ati : « Twigisha abakirisu bacu kumenya ko Imana yahaye umukenyezi igihe c’ugusama n’igihe c’ukudasama tugahamagarira abubakanye kwisonzesha iyo ivyo ibihe vy’ ugusama bishitse. » Ingo rero ngo zirigishwa gusuzuma uruziri rwo mu gihimba c’irindoka c’umukenyezi imisi yose kuko ishusho yarwo yerekana ibihe vy’ugusama n’ukudasama kwiwe. Izo nyigisho zitangwa mu kiringo kiri hagati y’amezi atandatu n’umunani.

Mu baporoti na ho, Pasitori Eliya Ndikumana avuga ko abakirusu baronswa inyigisho zitandukanye bivanye n’aho basengera.  ‘’ Uwusengera aha akabwirwa ko kizira kwipfunga kuvyara, yaja mu rundi rusengero bati ni ukuvyara abo ushobora kurera ukoresheje uburyo kama gusa. Yunguruza na ho akigishwa ko gukoresha uburyo bwo kwa muganga ata caha kirimwo, …. Bituma abakirisu bajuragirika .’’ 

 Iyo ndongozi ihanura ko hakwiye gushingwa igisata c’inyigisho rusangi zifatiye kuri  bibiriya kumbure, amashengero yokwisunga mu bijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza.

Amashengero yoshiramwo inguvu n’ubuhinga bukwiye

Mu muryango w’abisiramu bavuga ko akamaro k’uburyo kama kibonekeza kuko ngo abigishijwe usanga batakivyara intahekana. Muri Katorika na ho bavuga ko   babwizeye bishimikije akarorero ko mw’izinga rya Comores, kuko ari bwo bukoreshwa n’igice kinini c’abantu baho kandi ngo bigenda neza.  

Gushika ubu, mu Burundi abitabira ubwo buryo kama baharurwa ku bice 6% hisunzwe ivyigwa vyagizwe na ISTEEBU. Na yo kuva mu 1987 gushika mu 2017, ibitigiri vy’abakenyezi bari ku buryo bukinga gusama imbanyi vyavuye kuri cenda bishika kuri 29%. 

Twisunze ivyo duhejeje kubona, birakwiye ko Reta n’abarongoye amashengero bokwicara hamwe bagatora umuti urama. Ikindi ni uko abo barongoye ayo mashengero  botunganya neza izo nyigisho zigashikira abayoboke babo bose. 

 

Quitter la version mobile