LE JOURNAL.AFRICA
Non classé

Inkingi 5 abashimanye bokubakako urukundo rwabo

Kugira abantu bashike ku ntambwe yo gushinga urugo, babanza kuba barakundanye. Mu rukundo naho, harimwo ibintu ntabanduka bitabaye rudashinga imizi ngo rukure; n’iyo rukuze, rusenyuka vyoroshe; kubera ko rutaba rufise inkingi n’umushinge ukomeye. Reka tubirabire hamwe rero.

Ico kuba kumenya imbere ya vyose mu Rukundo, vyose ntibiguma vyera ngo de! Abakudanye ntibabura utwo bapfa. Aho rero, naho mwogira ico mupfuye, mugashavuraranira cane, ndetse urukundo rwanyu ukamengo ruracumbagira, nta kwibagire ko uwawe ari uwo nyene.

Noneho, mugira ico mupfuye kubera ko hari ikintu kidasanzwe kibahuza; naco ni urukundo. Mwashwana canke mwareka, urukundo rugumaho. Womengo rwaheze canke rwagabanutse, ariko ruguma aho.

Muti: « none bigende gute? » Ng’izi inkingi zitanu mwokubakirako urukundo rwanyu.

 

1. Vugane!

 

Akenshi usanga abantu batitaho ikiyago; mugabo ni ryo shingiro rya vyose mu rukundo. Hari abibaza ngo ntibazi kuganira, mugabo si ko biri. Aho rero ni ukuhagabira, kubera kutavuga iryo ugona, bishobora gutuma ubura ico woronse, ukica ico wokijije.

Hari abareka kuvuga kubera gutinya ko badahava bumvirwa, mugabo ubigize uko, ni ukumenya ko bishora kukugarukako. Ntiwigire uwo utari. Uwo mukundanye abwirizwa kukuryoherererwa uko nyene uri, kuko...   

Continuer la lecture de cet article sur YAGA BURUNDI

Verified by MonsterInsights