Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Coronavirus – imanza z’ubugeni : zihagarikwe canke zihinyanyurwe

Muri iki gihe hateye ikiza ca Covid-19, birabujijwe ko abantu bakoranako canke begerana cane. Ariko, imanza zibandanya ukuri kwamye. Amakenga ni menshi, uravye ukuntu imanza zitunganywa.

« Kirazira gukoranako,  mutegerezwa kuguma mukaraba kenshi… »! Hafi kw’isi yose, muri kino gihe, ivyo ni bimwe mu vyo abantu bahamagariwe gukora, kandi baragerageza kubikwirikiza. 

Naho biri uko, hari aho usanga vyitwa ko bikorwa, mugabo ugasanga biragora abantu. Uburorero ni bwinshi ; twashika mu manza nk’iz’ubugeni ho, tukumirwa.

Kudakoranako ntibishoboka

Mu bisanzwe, umugeni yambikwa n’umwishingizi canke uwundi muntu, akamurabira ko vyose bitunganye. Aramukorako, kandi baba begeranye ku buryo  uwoba afise uwo mugera, kuwanduza uwundi vyokworoha cane.

 Bigeze mu babiranye hoho biba ibindi, kuko bagenda bafatanye amaboko inzira yose. Abo bobo ntaco tubavugako kirekire, kuko baba bagiye guhuza imitima n’imibiri. Ugukoranako kwabo ntawokuraba cane, biba bigiye kuba kuva uwo mwanya gushika no mu bindi bihe. Basangiye ugupfa n’ugukira nyene.

Hari imigirwa…

Mu kirundi, udakoze ku muntu uba umunena. Ibaze rero kutagwana mu nda n’uwo muhanye umugeni ; nta n’ukumuha ukuboko ? Oya ! Ntivyoboneka neza ; ukaza ubona baragwatanye, ata camira. Ni co kimenyetso kigaragaza ukunywana kw’iyo miryango.  

Ni uko rero, ngo gukoranako kirazira. Yamara, naho batokoranako, barahana inkwano, umwe aba akoze ku kintu uwundi yakozeko.

Biraryosha urubanza, iyo umuvyeyi akeje umwana wiwe akamuhobera, incuti, abagenzi n’abandi bose bakagira uko nyene. Ndiko ndibaza ingene urubanza rwosa, ivyo vyose bitarimwo.

Abarundi ga yemwe !

Abataha imanza, bose barazi ko ata gukoranako. Ariko, hari abo usanga vyankiye bakaramukanya, bakanasomana kw’itama mbere, kubera igishika n’ibishobisho. Kandi muri uwo mwanya w’urubanza ntibaguma bakaraba ; ivy’abatanga inzimano navyo, uburyo bakora n’ukugene baba bitungani, namwe murabizi. 

Ibinyobwa n’ibirahuri barabikorako, kandi ntawuba azi ko bamaze uwo mwanya atawikoze ku munwa, eka no mu kwasamura wosanga hari uwateze urushi. 

Uwutanga amajambo n’abaza kuvuga bose, bahana mikoro imwe ; navyo nyene biteye amakenga. Aho ntituvuze ingene baba bicaye ; nta guhana umwanya ukwiye.

Ukwijajara

Ni vyo, ingingo zitari nke zarafashwe mu ntumbero yo gukinga ; mugabo, n’izindi zikwiye kwiyongera. Muri zo, hojamwo guhagarika canke guhinyanyura ibintu vyose bihuza abantu benshi kandi bidahungabanya cane ubutunzi bw’igihugu. 

Ivyohagarara ni vyinshi cane, mugabo muri aka kanya, nshimye gushimika ku bijanye n’imanza. Kuko ukubireka uko, dushobora gusanga turiko turaroha abantu, kandi ari bo twategerezwa gukingira. Tukazokwibuka kuzitira twaramaze kwonerwa.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?
Quitter la version mobile