Site icon LE JOURNAL.AFRICA

« Gusaba irembo », « gutwikurura », … imanza dukwiye guheba mu Burundi

Ntivyoroshe. Mu gihe Abarundi bamwe batora kwihebera Imana kugira bahunge ubukene, twari dukwiye kurimbura imigirwa itabereye ibihe turimwo, tukayisezerera…

Utubazo dukeya : birakenewe ko umuntu arinda gukoranya abantu cumi kugira aje gusaba irembo ? Aho ntituvuze abandi nabo usanga ba bamwana batumiye mu kibano no mu ncuti, bose bakaba bakeneye gufungura no kunywa. Uburyo bitwara ni bwinshi cane. Ikindi naco, ntitwari dukwiye guheba gutwikurura, na rirya bitagifise akanovera vyamanye ? Twoheza tukabisubiriza no gushika mu rugo, aho umuvyeyi aja kuramutsa abana baraye barushinze, gutyo abatumire ntibabe umurengera, hagakora n’uburyo buke.

Gufuba uwitavye Imana ni vyo bindi bisigaye bitwara uburyo bwinshi muri ino misi. Nta kuntu abantu bogenda batwariyeko amafanta canke amazi ku kibanza c’amaziko bakanyweraho, aho kurindira kuja gukota ibibanza vy’agatutu n’abantu batakaza umwanya wabo ? Canke, kubera iki haba uguca ku mazi kandi bishoboka ko abantu bafata umwanya bakitegurira kuganduka  nk’inyuma y’amezi atandatu, bikabera rimwe ? Vyotwara uburyo buke, kandi n’imanza ntizibe umuzigo ku muryango. 

Ibihe vyahaye ibindi

Imanza zisesaguza zaje gusongera isibe, mu gihe ibice 70% vy’Abarundi babayeho bari musi y’umurongo ndangabukene (umurundi abayeho musi y’idolari rimwe ku musi), nabwo Uburundi bukaba buri mu bihugu 5 bikenye gusumvya ibindi kw’isi, urugero rwo gufungura nabi rukaba rugera ku bice 60%. 

Mu myaka iheze, indongozi z’igihugu zarigeze kubuza izo manza « zisesaguza imiryango, zitesha umwanya zigatwara uburyo bw’umurengera ». Zihinduye imirisho abandi baraje barazisubizaho, kumbure kugira bavuge rumwe n’abatari bashimye iyo ngingo. N’aho imigenzo yoba igoye guhindura, ibihe turimwo birakwiye kutwigisha tukareka gusesagura ivyo tudafise. Turashobora kujaniranya imanza zimwe zimwe tudatakaje akaranga, kandi tudataye n’akanovera k’izo manza.

Mu vy’ukuri, kuki tumara umwaka dutegura urubanza rwo kuganduka, mu gihe dushobora kumara imyaka ibiri, itatu n’iyirenga tutararukora ? Abitavye Imana ntibagaruka kutwishuza. Nyabuna, ni ukuraba tugakora ivyorohereza abasigaye.

 

Quitter la version mobile