Site icon LE JOURNAL.AFRICA

Kwiyanka kubera uko usa : ng’uyu umuti ubivura

Sinubahuka kwiraba mu cirore”, “Mfise izuru ribi”, “Abantu bahava bavuga ko ndi mubi”… Ivyo ni bimwe muri vyinshi cane abantu benshi, na canecane imiyabaga, bama bibwira. Ku batari bake, vyabaye nk’indwara kandi ikomeye, n’aho umuti wayo wari woroshe kuronka. Muti ni uyuhe?

Uko abantu ari benshi kw’isi, niko bari kwinshi kandi basa ugutandukanye. Umwe wese afise uko areha, uko angana, n’uko asa. Ariko hari abo bigora guhimbarirwa uko bameze, ugasanga hari n’abumva bokwiyanka bavuga ko ari babi. 

Aho rero ico abantu bakwiye kumenya, ni uko uwo mubiri nyene banka, ari wo baheza bagakurana, bakagira imigambi ibateza imbere, bakagira abagenzi basa uko nyene, bagakunda, bagakundwa, bakamererwa neza mu buzima. 

Ariko benshi ivyo ntibigera bavyibuka.  Baguma bahagaritswe umutima n’uko basa bikabasubiza inyuma mu bikorwa vyabo.

Ubuyabaga, igihe c’uguhungabana

Mu buyabaga hahinduka vyinshi ku mubiri w’umuntu, ku buryo hari ababura amahoro bibonye. Mu mezi make, uja wibona ufise ubwanwa canke ubwakwaha, ijwi rikaba rinini, ibihimba vy’umubiri bigakura. Abakobwa bagakuza amabere. Bamwe bakabona bafise manini abandi na bo dutoya cane, abo bompi ntibashime uko bari.  Bimwe vyo gusubira kubona ufise akabiri karemvye nk’akumwana ntubona iyo vyaciye.  

Hari abiraba, bakaraba n’abandi bakabona imibiri yabo ntiyubatse kumwe canke ntisa bagaca biyanka. Mu mutima ugasanga bafise ibibazo  vyinshi bibaza bati: « Ubwo ndakomeye » ?

Umwe wese ameze ukwiwe

Ntimusimbwe n’umutima ! Ico gihe kirahera kandi ningoga. Iyo ni intambwe yindi, kandi ubaho muri uwo mubiri mushasha nk’umusore canke inkumi igeze mu bigero. 

Uko umubiri wawe umeze canke uko usa, ni co kigize wewe, kuko nturi kanaka. Uri ukwawe. Ntawabayeho, ntawuriho, nta n’uwuzoza asa canke ameze nkawe. Aho rero ni ukuhagabira kuko nta muntu w’icitegererezo abaho ku bijanye n’ingene umuntu yosa canke yongana.

Mu bakobwa, igikunda gushika ni ukwipfuza kugira umubiri wubatse neza, hamwe urengana bose bakagukwirikiza amaso. Abahungu na bo ikintu ca mbere kibavuna, nk’uko bivugwa n’umuhinga mu vy’ubuzima ndorabitsina yitwa Pascal de Sutter ni iyo basanze bafise igihimba c’irondoka (inzanyi) gito. 

Ni ukwiha agaciro na ntaryo

Umubiri urafise ivyo utegezwa gukorerwa, kandi ni ntabanduka. Kugira wumve amahoro rondera igikorwa gisaba inguvu: kunonora imitsi, gutamba, kuririmba canke utundi tugenegene. Ivyo bituma umubiri wawe uwubungabunga kandi ugasanga mu mutwe uraruhutse. 

Nk’akarorero uwitwa Anna yavuze ati: “Ndiko ndakina umupira w’amaboko “basketball”, numva nezerewe cane; sinsubira kwiyumvira ko ndi munini canke ndi mwiza. Twese tuba twambaye kumwe”. 

Ikindi gikenewe, uko imisi igenda, komeza nyabuna wifate neza. Usokoze canke wimoshe neza. Ntibikenewe ko ushikuza mu gusokoza ku buryo burenze canke ngo wiceko amagarwe umubiri wawe wose. Shaza, wisige neza uberwe. Umenyere kwambara ujanishije.

Aho naho nyene ntusabwe kwikokora. Gira ibisanzwe mugabo vyiza. Ntawugusavye kwama uriko uriraba mu cirore umwanya wose. Wohava usubira muri bimwe vya kera vyo kwigaya, wiyanka.

Ico abantu bose bomenya, uko imisi igenda ni ko umuntu yimenya, gutyo agatera amenya ico yogira kugira aberwe, kandi asharize umubiri wiwe. 

 

Quitter la version mobile