Ntivyoroshe. Mu gihe Abarundi bamwe batora kwihebera Imana kugira bahunge ubukene, twari dukwiye kurimbura imigirwa itabereye ibihe turimwo, tukayisezerera…
Utubazo dukeya : birakenewe ko umuntu arinda gukoranya abantu cumi kugira aje gusaba irembo ? Aho ntituvuze abandi nabo usanga ba bamwana batumiye mu kibano no mu ncuti, bose bakaba bakeneye gufungura no kunywa. Uburyo bitwara ni bwinshi cane. Ikindi naco, ntitwari dukwiye guheba gutwikurura, na rirya bitagifise akanovera vyamanye ? Twoheza tukabisubiriza no gushika mu rugo, aho umuvyeyi aja kuramutsa abana baraye barushinze, gutyo abatumire ntibabe umurengera, hagakora n’uburyo buke.
Gufuba uwitavye Imana ni vyo bindi bisigaye bitwara uburyo bwinshi muri ino misi. Nta kuntu abantu bogenda batwariyeko amafanta canke amazi ku ki...