LE JOURNAL.AFRICA
#YagaDécodeur

« Kwa Ndadaye » : ivyo mutari muzi kuri iyo nyubakwa

Iyo nyubakwa ifise kahise kadasanzwe, mugabo imaze imyaka irenga mirongo ibiri ari umusaka, hagati na hagati mu gisagara ca Bujumbura. Iyo ni yo yabayemwo umutware mukuru wa Rwanda-Urundi, mu nyuma iba ikirimba c’umwami, ikirimba c’umukuru w’igihugu, ingoro y’igihugu yakira abashitsi b’iteka bagendeye Repubulika y’Uburundi, n’ibindi.

Umanukanye ibarabara ryitiriwe uwa mbere Munyonyo mu gisagara ca Bujumbura, urenganye ikibanza gishinguwemwo incungu ya demokarasi, hari urupangu rurimwo ibiro bikuru vy’igipolisi kidasanzwe kirwanya imigumuko. Abantu bose baba muri ico gisagara gisigaye ari umugwa mukuru w’ivy’ubutunzi, eka mbere n’abandi Barundi bose batemberera i Bujumbura, bazi ko ico kibanza citwa « Kwa Ndadaye ». Si itongo ry’umuryango wa Ndadaye, umukuru w’igihugu c’Uburundi wa mbere yitorewe n’abanyagihugu, mu matora yo kuwa 1 Ruheshi 1993. Ahubwo, Nyenicubahiro Melchior Ndadaye ni we mukuru w’igihugu wa nyuma yabaye muri ico kirimba c’ « uwa mbere Munyonyo ». Aho ni naho  yavuye mw’ijoro ry’uwa 20 rishira uwa 21 gitugutu agahungira mw’ikambi ya Muha ; ari na yo yari ijejwe umutekano w’umukuru w’igihugu, ico gihe. Ico kirimba cari gitewe n’abatembagaje ubutegetsi. Imodokari ya gisirikare (burende) yamuhungishije n’umuryango wiwe yasohokanye umuryango usubiza kw’ihoteri Source du Nil, kuko irembo rikuru ritahita. Aha mwomenya ko ico kirimba cari kimaze guterwa mw’ijoro ry’uwa 2 ushira uwa 3 mukakaro, ni ukuvuga imbere y’uko Umukuru w’igihugu Ndadaye arahira. Yari yamaze kuhimukira. Ibisikanya n’umukuru w’igihugu Petero Buyoya ryahavuye riba kuwa 10 Mukakaro.

Inkuru y’umukuru w’igihugu Mitterand

Igihe Korone...   

Continuer la lecture de cet article sur YAGA BURUNDI

Articles similaires

Yagadécodeur : ce qu’il faut savoir sur les armoiries du Burundi et le blason national

YAGA BURUNDI

Inarunyonga: au-delà de l’incarnation de l’impudence

YAGA BURUNDI

Ce qu’il faut savoir sur la disparition de l’Umuganuro

YAGA BURUNDI
Verified by MonsterInsights